IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntimerewe kubandanya inyigisho (...)

Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntimerewe kubandanya inyigisho zisanzwe

Friday 29 June 2018, by vianney

Mu rwandiko umushikiranganji w’indero hamwe n’imyuga Janviere NDIRAHISHA yarungikiye abayobozi b’indero mu ntara abamenyesha ivyerekeye utunenge turi murico gisata ,yavuze ko abanyeshure bafise ivyete vy’ishure atari vy’ukuri basubizwa mw’ishure bari baramenye canke birukanwe. Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntibemerewe kubandanya inyigisho zisanzwe

Janviere NDIRAHISHA avuga kandi ko ingingo zoba zarafashwe mu mwihwezo wo gutanga impamyabushobozi ku banyeshure bahejeje amashure harimwo abakoresha ivyete vy’ishure bitari mu kuri izo ngingo kurabo banyeshure zizoca ziba impfagusa.

Uyo mushikiranganji aheraheza avuga ko umuyobozi wese yoba yaragize uruhara mu bijanye n’ivyete bitemewe canke mu guhohotera bifatiye ku gitsina azohanwa hisunzwe amategeko.


IGIHE

Forum posts

  • jamvier umuvyeyi urakoze% uraziko hari abahungu batera inda abakobwa .bafise intumbero yo kwankiriza uwo mukobwa

  • Umunyeshur atway inda yishushu ntabwo aba abay icibwa mubandi iyongingo mbona ariyiza isubiza abanyeshur kwisuka. john

  • Ariko akazoza k’abarundi kazova hehe koko ? none utarashurashura abatere ibuye ndabe! kuki uru rwaruka ruhinduwe ibicibwa si abarundi bagomba kuzubaka ejo heza habo nigihugu none ubu si uguhonyanga agateka ka muntu, iyi ngingo irasaba ubuvugizi bukwiye, mugabo umwana uvutse ntazokenera abamurera none mubirukanye mu mashure bazoba abandi mbega mbega abavyeyi gito. ni akamaramaza pe

  • Ntamashure Yabagabo Canke Yabagore.Ahubwo Yariyaratevye Kuko Nuwudafise Agatima Kubusambanyi Yokagize,amaz Kubna Bigana Numugore Cank Numugabo.

  • Iyo Ngingo Ije Hageze Kuko Biragoye Kwigisha Uwo Wita Ko Ari Umwana Kandi Aza Arumuvyeyi. Ububegito Bwiwe Abandanya Abutera Abandi. Abavugako Ari Ukubacira Kwiteka Nabazako Nabonyene Basanzwe Aribiburandero Murubwo Buryo.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.