Home > Amakuru > Amashuri > Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntimerewe kubandanya inyigisho (...)
Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntimerewe kubandanya inyigisho zisanzwe
Friday 29 June 2018, by
Mu rwandiko umushikiranganji w’indero hamwe n’imyuga Janviere NDIRAHISHA yarungikiye abayobozi b’indero mu ntara abamenyesha ivyerekeye utunenge turi murico gisata ,yavuze ko abanyeshure bafise ivyete vy’ishure atari vy’ukuri basubizwa mw’ishure bari baramenye canke birukanwe. Abigeme batwaye inda n’abahungu bateye inda ntibemerewe kubandanya inyigisho zisanzwe
Janviere NDIRAHISHA avuga kandi ko ingingo zoba zarafashwe mu mwihwezo wo gutanga impamyabushobozi ku banyeshure bahejeje amashure harimwo abakoresha ivyete vy’ishure bitari mu kuri izo ngingo kurabo banyeshure zizoca ziba impfagusa.
Uyo mushikiranganji aheraheza avuga ko umuyobozi wese yoba yaragize uruhara mu bijanye n’ivyete bitemewe canke mu guhohotera bifatiye ku gitsina azohanwa hisunzwe amategeko.
IGIHE
Forum posts
30 June 2018, 11:47, by Ana
jamvier umuvyeyi urakoze% uraziko hari abahungu batera inda abakobwa .bafise intumbero yo kwankiriza uwo mukobwa
2 July 2018, 06:21, by Camarad
ANA,MUKAZIKWEPA
3 July 2018, 10:39, by John
Umunyeshur atway inda yishushu ntabwo aba abay icibwa mubandi iyongingo mbona ariyiza isubiza abanyeshur kwisuka. john
3 July 2018, 14:11, by Dumbuli
Ariko akazoza k’abarundi kazova hehe koko ? none utarashurashura abatere ibuye ndabe! kuki uru rwaruka ruhinduwe ibicibwa si abarundi bagomba kuzubaka ejo heza habo nigihugu none ubu si uguhonyanga agateka ka muntu, iyi ngingo irasaba ubuvugizi bukwiye, mugabo umwana uvutse ntazokenera abamurera none mubirukanye mu mashure bazoba abandi mbega mbega abavyeyi gito. ni akamaramaza pe
5 July 2018, 21:23, by Pasco
Ntamashure Yabagabo Canke Yabagore.Ahubwo Yariyaratevye Kuko Nuwudafise Agatima Kubusambanyi Yokagize,amaz Kubna Bigana Numugore Cank Numugabo.
25 July 2018, 17:08, by Damien
Iyo Ngingo Ije Hageze Kuko Biragoye Kwigisha Uwo Wita Ko Ari Umwana Kandi Aza Arumuvyeyi. Ububegito Bwiwe Abandanya Abutera Abandi. Abavugako Ari Ukubacira Kwiteka Nabazako Nabonyene Basanzwe Aribiburandero Murubwo Buryo.