IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abigisha ntibakiriye neza ingingo y’ukwongerwa amasaha y’akazi

Abigisha ntibakiriye neza ingingo y’ukwongerwa amasaha y’akazi

jeudi 19 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri Sendika y’abigisha SEPEDUC : (Syndicats des Enseignants professionnels) bamenyesha ko abigisha batagishijwe inama imbere y’uko iyo ngingo ifatwa, bagasaba ko amasaha y’akazi yari azwi atohihinduka abo vyega bose batagiye inama.

Sendika y’abigisha SEPEDUC ivuga ko umunyeshure yavuye muhira isaha imwe z’agatondo, kenshi akaba atafunguye kubera ubukene buri mu miryango, agasubira muhira inyuma y’isaha umunani, bigorana ingene yokurikirana neza ivyigwa. N’umwigisha aba yiriwe arigisha aragera aho aruha ntasubire kwigisha neza, nk’uko bivugwa na Sendika SEPEDUC.

Iyo Sendika isaba abo mu bushikiranganji bw’amashure bokwicarana n’abaserukira abigisha hamwe n’abavyeyi kugira bahurize ku ngingo iteza imbere inyigisho muri rusangi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.