IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Afande Roméo aravuga igituma umuririmvyi Soso K yibukwa

Afande Roméo aravuga igituma umuririmvyi Soso K yibukwa

jeudi 16 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Isabukuru yitiriwe " Soso K never Die" iriko itegurwa mu ntumbero yo kwibuka umuririmvyi Soso K, hamwe no kwereka umuryango yasize ko yakoreye igihugu mu gisata c’umuziki. Nk’uko bivugwa na Afande Roméo ku ruhande rwa Horizon Média na Diaspora Band, mu kiganiro yahaye IGIHE, avuga ko Soso K yabaye kirumara mu muziki mu myaka ya 1990, aho yamenyekanye cane mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini.

Abandanya avuga ko iyo sabukuru izonahuza abaririmvyi batari bake bo mu Burundi mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro no kwirimbura. Ikindi avuga n’uko kazoba ari n’akaryo keza ko kwereka umuryango wa Soso K ko umuhisi yasize iragi.

Ivyo birori bizoba kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo kuri Relax Beach, aho akaba ari inyuma y’imyaka 11 yitavye Imana.

JPEG - 53.1 ko
Umuhisi Soso K (i bubamfu)

Soso K yamenyekanye cane mu ndirimbo "Soso k never Die", "Itawa aje" yaririmbanye na mukuru we Peraps, "Leo njo Leo" canke ururirimbo yakoreye inzu yadandaza ama téléphone " Afrocom"

Mwumvirize aha munsi ururirimbo " Itakuwa aje" rwa Soso K


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.