IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > ’’Kuririmbira mu bunywero ni kimwe mu biteza imbere umuririmvyi’’-GAPOSHO

’’Kuririmbira mu bunywero ni kimwe mu biteza imbere umuririmvyi’’-GAPOSHO

jeudi 11 janvier 2018

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kur’uyu wa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2018,Ismaël GAPOSHO amenyesha ko umuririmvyi ashobora kuronka uburyo bwo kumubeshaho abicishije muri Karaoké.

Ismaël GAPOSHO asigura ingene ico gikorwa co kuririmba mu bunywero catanguye mu Burundi, agasigura ko uko vyari bimeze ubwa mbere,ubu atariko bimeze, kuko muri iki gihe abaririmvyi bateye imbere.

« Imbere y’umwaka wa 2003, ivyo kuririmba mu bunywero ntivyari bwabe mu Burundi. Twagiye kubitanguza muri 2004.Jewe narimaze kubibona mu bihugu bibanyi nari maze gutemberamwo nka Kongo, Ubuganda, n’ahandi. Munyuma mfata umugambi wo kurondera ubunywero nosaba nkaza ndavugirizamwo umuziki, niho naja ahahoze hitwa La Pirogue nabo baranyemerera, nikwo kurondera abandi bacuraranzi n’abaririmvyi nka Jesus avyara Dogo A, Ajoba Love, Makarena n’abandi, duca turatanguza umurwi twise Orchestre La Pirogue. »

Ismaël GAPOSHO avuga ko mu ntango abantu batari bwa bimenyere ariko ata gihe kinini vyatwaye kugira babamenyere, gutyo ivyo kuririmbira mu bunywero biba biratanguye.
Avuga ko muri ico gihe ata buryo bwinshi baronka,abantu binjira ku buntu kandi ntibasabwa amananiza kubera ariho vyari bigitangura.

Ati :« Abaririmvyi baririmba mu bunywero barakora cane kubera bavuza umuziki w’ikibiriraho (live), n’amajwi yabo aramera neza kubera bagira imyimenyerezo myinshi.Gutyo bigaheza bikabafasha n’iyo bagiye gusohora indirimbo zabo. »

Ismaël GAPOSHO arangiza amenyesha ko kuririmbira mu bunywero Kubwanje, ari kimwe mu bishobora gutuma umuririmvyi abeshwaho n’impano yiwe.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.