IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingingo zibuza ubusuma bw’ikibazo c’umwaka w’9 n’uw’10 zafashwe

Ingingo zibuza ubusuma bw’ikibazo c’umwaka w’9 n’uw’10 zafashwe

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Zimwe muri izo ngingo zafashwe, n’uko ibibazo bizokorwa bizoshikanwa aho bikorerwa n’abajejwe intwaro mu makomine yose bizokorerwamwo. Abigisha bazocungera ikorwa ry’ivyo bibazo bakazoba ari abavuye mu yandi mashure. Ni ukuvuga ko ata mwigisha azoba arekuriwe gucungera ikibazo kw’ishure asanzwe yigishako, hamwe n’abana yigisha.

Patrice Manengeri, umuyobozi w’igisata kijejwe ibibazo bikorwa (Bureau des évaluations) aragabisha abigisha bazofatwa bagize uruhara mu busuma bw’ibibazo, ko ibihano bikomeye vyategekanijwe, harimwo n’ukwirukanwa mu kazi.

Izo ngingo zifashwe inyuma y’aho abatari bake berekaniye amakenga bafise ko hari abayobozi b’amashure canke abigisha bashobora kwikika mu kiza, bakibira ibibazo abanyeshure babo kubera ingingo umushikiranganji w’amashure y’intango n’ayisumbuye aheruka gufata. Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko abayobozi b’amashuri adashikana ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta bazoca bakurwa mu kazi.

Umushikiranganji w’indero, inyigisho mu mashuri y’intango, hamwe n’ayisumbuye aheruka kumenyesha ko ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishuri nshingiro kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kurya 22 Ruheshi 2017.

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri 144795 bari mu mice itatu aribo bazokora ico kibazo, kandi mu muce wose bazokora ivyo bize.

Janviere NDIRAHISHA amenyesha ko abananiwe mu myaka iheze biga mu myaka ya 10 n’umwaka w’9, ababishaka bazosubiramwo ikibazo. Abananiwe mu mwaka w’10 bazokora kuvyo bize mu mwaka w’10 imbere y’uko bayoberwa.

Tubamenyeshe ko abazosubiramwo ikibazo bahora biga mu mwaka w’9 ari 17475, abahora biga mu mwaka w’10 nabo bakaba ari 11327.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.