IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Arabie Saoudite : Umuhagarikizi yahagatise urukino kugira abakinyi baje (...)

Arabie Saoudite : Umuhagarikizi yahagatise urukino kugira abakinyi baje gusenga

vendredi 26 janvier 2018

Mark Clattenhurg yahagaritse urukino rwahuza umurwi wa Al Feiha hamwe n’umurwi wa Al Fateh ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi rwabera ku kibuga ca King Salman bin Abdulaziz Sport City kiri hafi y’umusigiti.

Uwo muhagarikizi yafashe ingingo yo guhagarika urukino inyuma yo kwumva ko kur’uwo musigiti uri hafi y’ikibuga bahamagaye abaisiramu kuja gusenga, nawe aca aha uruhusha abakinyi iminota 5 yo kuja kwifatanya n’abandi mu gisabisho.

Bivugwa ko abakinyi bamwe basohotse mu kibuga baja gusenga, abandi nabo basigara mu kibuga baruhutse.

Uwo muhagarikizi, yarashimiye bimwe bikomeye ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu ca Arabie saoudite kubona vyarerekanye ko ivyo yakoze bigaragaza icubahiro hamwe n’agaciro aha umwanya wo gusenga no kwubaha Imana.

Mark Clattenburg afise imyaka 42 akaba yamenyekanye cane nk’umuhagarikizi mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Ubwongereza,mu mwaka uheze wa 2017 yaciye aja muri Arabie saoudite aho abandaniriza umwuga wiwe wo guhagarikira inkino ubu akaba ariwe atwara ishirahamwe ry’abahagarikizi muri ico gihugu.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.