IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uwatowe nk’umurundikazi mwiza aba mu bubirigi, ari mu Burundi

Uwatowe nk’umurundikazi mwiza aba mu bubirigi, ari mu Burundi

samedi 3 février 2018

Avugana n’ikinyamakuru IGIHE, Kajoline ntanyegeza akamwemwe n’umunezero afise ko kuba yasubiye mu gihugu camwibarutse.

Ndaryohewe cane, kubona nsubiye kubona incuti n’abagenzi, nkasubira no kubona ubwiza bw’Uburundi.Ndipfuza kugaruka kuba hano.” Nivyo yashikirije mu gihe yariko aganira n’umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE.

Mu gihe Kajoline yatowe nk’umurundikazi mwiza kandi aciye ubwenga mu bubirigi kubera umugambi wiwe w’uguteza imbere uburimyi, uwo mwigeme azoja mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi nka Gitega, aho akaba mbere ariho yavukiye, hama aje I Ngozi aho se wiwe avuka. Azokwihweza ibikenewe mu bijanye n’uburimyi imbere y’ugushira mu ngiro umugambi wiwe.

Mu gushira mu ngiro uwo mugambi, uwo mwigeme yipfuza guteza imbere uburyo bwo kurima n’ukworora, gushinga ishirahamwe rizohingura rikongera rikabika ivyimburwa, bikazotuma umwibu urwira mu Burundi.

Amaze kubona ko ibikorwa atovyishoboza, Kajoline aramenyesha ko yipfuza gukorana n’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge yatowe mu mwaka wa 2017 hano mu Burundi.

"Sinoshobora kurangura ibikorwa vyose ndi jenye, vyongeye mba hanze y’igihugu, nico gituma nipfuza gukorana na Miss Burundi.”

Kajoline Sona akaba azofata indege imusubiza inyuma kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2018.


NKURUNZIZA Huguette

Messages

  • Karibu,lgitega, NDANEZEREWE,KOYIYUMVIRA KURIMA MUGABO IGITEGA TWARIDUSIGAYE,DUTUNZWE, NIMYUMBATI NONE,MOZAYIKE IFUKU,VYARAVYONZE’ !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.