IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Arthur BAN avuga ko igisata c’amareresi kikiri ku rugero rwo hasi mu (...)

Arthur BAN avuga ko igisata c’amareresi kikiri ku rugero rwo hasi mu Burundi

mercredi 28 mars 2018

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Arthur BAN, avuga ko abantu benshi bitanga kugira igisata c’amareresi gitere imbere, ariko ku ruhande rw’abakinyi n’abatunganya amareresi batovuga ko bishimira ibikorwa bakora.

Umukinyi akaba atunganya amareresi, Arthur BAN asigura ko kugira igisata c’amareresi kibe kitarashika ku rugero rwiza, bifise aho biva n’ikibituma.

« Ibibazo bituma igisata c’amareresi mu Burundi kidatera imbere ku rugero rushimishije, bihagaze ahanini ku bukene bw’uburyo bufasha gutunganya neza ireresi, bigahagarara kandi k’ubukene bwo kuronka abantu utera inkuru iri mw’ireresi. Ni vyiza ko iyo uteguye ireresi, uronka uwuyiraba. »

Ku bibaza ko gutunganya ireresi ukoresheje amafaranga menshi bituma ukora ireresi nziza, Arthur BAN asigura ko, uburyo bukoreshwa n’ubwiza bw’ireresi ataho bihuriye, kuko umuntu ashobora gukoresha uburyo buke agakora ireresi nziza.

JPEG - 163.2 ko
Arthur BAN, Akina kandi agatunganya amareresi

Ati : « Ntibisigura ko amafaranga menshi akoreshejwe ariyo atuma hasohoka ireresi nziza, ariko umuntu ashobora gukoresha uburyo buke, agasohora ireresi nziza. »

Arthur BAN avuga ko, naho ico gisata c’amareresi kitaratera imbere, abarundi muri rusangi bakunda amareresi y’abarundi, ariko batazerekwa n’abazikina canke bazitunganya, abo nyene bakaba batazibashira aho bari kugira bazirabe.

Umukinyi akaba n’uwutunganya amareresi Arthur BAN asaba abakinyi b’amareresi, abamenyeshamakuru n’abajejwe intwaro, kuja hamwe bakavugana icokorwa, kugira abarundi bashikirizwe amareresi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.