IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > FESTICAB 2018 : Abakinyi b’amareresi bahamagariwe kuyandikisha

FESTICAB 2018 : Abakinyi b’amareresi bahamagariwe kuyandikisha

mardi 16 janvier 2018

Isabukuru mpuzamakungu ry’amasinema n’amareresi mu Burundi FESTICAB ryatunganije ihiganwa ry’amareresi uno mwaka, ku civugo :« Urwaruka, kwironderera akazi n’uburongozi . »

Amakuru dukura ku rubuga ngurukanabumenyi rw’isabukuru FESTICAB,amenyesha ko ico civugo catowe, bisunze ko urugero rw’urwaruka rutagira akazi rubandanya kwiyongera mu gihugu.

Ayo makuru nyene amenyesha ko icivugo catowe kugira bakangurire urwaruka rufise ingabire, ariko bafata umwanya wabo munini bakawujana mu kunwa ibiyayuramutwe.

Abakina amareresi bakaba bafise ikiringo co kwandikisha amareresi yabo, gushika kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018.

Bitegekanijwe ko muri ico kiringo c’isabukuru FESTICAB 2018 kizomara indwi, hazotunganywa umwanya wo kwerekana amareresi atandukanye mu gihugu, inganda n’inyigisho.


NKURUNZIZA Huguette

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.