IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Big Fizzo asaba abarundi guha agateka abahinyanyuzi b’umuziki (...)

Big Fizzo asaba abarundi guha agateka abahinyanyuzi b’umuziki ndundi

lundi 29 janvier 2018

Mu bunywero bwa Campero Club, Big Fizzo yaramutse ashira ahabona amasanamu y’ururirimbo « Konzi », abatari bake bakaba bari bamwitavye, uhereye ku baririmvyi, abahinyanyuzi b’umuziki, eka n’abakunzi b’indirimbo ziwe.

Igihe c’isaha zibiri n’iminota icumi n’itandatu z’ijoro, niho Big Fizzo yashikiriza ijambo ryo gushimira abitavye igikorwa yategekanije, aca agirako asaba abarundi gukunda no guha agateka abakora umuziki ndundi, kuko ku bwiwe, ataco abanyamahanga babasumvya.

Big Fizzo yagiriyeko atera akamo abikorera ivyabo gushira imitahe mu baririmvyi n’abahinga b’imicokamama, kuko ku bwiwe harimwo urudandazwa kandi rwunguka.

Big Fizzo yabandanije ahanura abagitangura umwuga w’umuziki kudacika intege, akavuga ko mu myaka 20 amaze aririmba, icamufashije ari ukwihangana, akagumana umwete mu bikorwa vyiwe.

Umuririmvyi Big Fizzo, bamwe bita Gikundiro bivanye n’ukuntu indirimbo ziwe zikunzwe cane mu Burundi ndetse no mu mahanga, akaba aherutse gutanguza inzu yo guhinyanyura umuziki no gukurikirana abaririmvyi yise « Bantu Bwoy », aho yaciye amenyesha ko umuririmvi Double Jay ari mu bagiye gukorana na Bantu Bwoy


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.