IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo yongereje "TATOUAGES" ku maboko yiwe

Fizzo yongereje "TATOUAGES" ku maboko yiwe

jeudi 19 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amafoto arico aca ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana Big Fizzo, "Bantu Bwoy" yicaye imbere y’umuzungukazi nawe ariko amucapako.

Si ubwa mbere Fizzo ashira "Tatouages" ku mubiri wiwe, nk’uko biboneka ku kuboko kwiwe kw’i buryo. Iyo yahorana avuga ko yayitiriye umuvyeyi wiwe, tukaba tutarashobora kumuronka kugira atubwire ico iyo yindi yashizeko isigura.

Ivyo biriko bibera mu gihugu c’Ubutaliyano aho yari yagiye mu giteramo cabaye kw’igenekerezo rya 14 Gitugu.

Tubamenyeshe ko Fizzo ari kumwe n’umurwi wiwe +257 Band bagiye kuzohora bateramisha abantu kuri Lacoste Beach, aho ni kuva kw’igenekerezo rya mirongo ibiri n’umunani Gitugutu uno mwaka.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.