IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > CNTB ivuga ko amadosiye ari mu gisata c’iyungururizo azoherana n’umwaka wa (...)

CNTB ivuga ko amadosiye ari mu gisata c’iyungururizo azoherana n’umwaka wa 2018

jeudi 9 novembre 2017

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kuri uwu wa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2017, umuvugizi wa CNTB Dieudonné Mbonimpa yamenyesheje ko bakoze nk’uko bahora bakora hohera imyaka 10 canke irenga ayo madosiye ataratunganirizwa.

Kugira ayo madosiye azobe yatunganirijwe gushika mu mpera z’umwaka wa 2018, Dieudonné Mbonimpa yavuze ko igisata c’iyungururizo cahora kigizwe n’abantu 8 congererejwe gushika ku bantu 47, kandi ko hashizweho imirwi 23, umugwi umwe ugizwe n’abantu 2 kugira bashobore kwiga vuba ayo madosiye.

Uwo muvugizi wa CNTB yavuze kandi ko amadosiye yose ari mu gisata c’iyungururizo yagabanganywe ku bagize umurwi kugira higwe ikibuzemwo.

JPEG - 70.5 ko
Dieudonne MBONIMPA,Umuvugizi w’umurwi CNTB

Dieudonné Mbonimpa yavuze ko hari ba buramatari naba musitanteri hamwe n’abacamanza batubahiriza ingingo z’imanza zijanye na CNTB. Yabasavye kwikebuka.

"Abategetsi nkabo bariho, ariko bakwiye kumenya ko imanza zose zijanye n’amagume Uburundi bwaciyemwo atahandi zikurikiranwa atari muri CNTB, kandi ko ukutubahiriza ingingo zafashwe n’uwo mugwi binyuranye n’amategeko."

Dieudonné Mbonimpa abandanya avuga ati : “ Bibwigwa benshi bikumva benevyo, hariho abadashigikira ishirwa mu ngiro n’ingingo zafashwe na CNTB niyo vyakenerwa tuzobibwira abo vyega bafate ingingo”.

Ku vyerekeye abacamanza batubahiriza izo ngingo, Dieudonné Mbonimpa yavuze ko abacamanaza badafise uburenganzira bwo kwakira imanza ziri muri uwo murwi kandi ko amadosiye yose ari muri sentare arungikwa muri uwo murwi, imanza nazo ziba zaciwe zungururizwa gusa muri Sentare idasanzwe yo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matunga.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.