IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amatongo > Ikigo ARFIC kivuga ko amashirahamwe atazohemba abarimyi mu kiringo c’indwi 2 (...)

Ikigo ARFIC kivuga ko amashirahamwe atazohemba abarimyi mu kiringo c’indwi 2 azofatirwa ingingo

Wednesday 3 October 2018, by vianney

Mw’itangazo yasohoye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 3 Gitugutu umwaka wa 2018,Emmanuel NIYUNGEKO yamenyesheje ko abarimyi batararonswa agahembo kabo urwego rw’igihugu rujejwe umutekano rwafashe ingigo yuko ayo mafaranga bayaronswa mu kiringo kitarenze indwi zibiri uhereye kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2018.

Emmanuel NIYUNGEKO avuga ko mu nama bagiraniye n’ibanki zubudandaji zemeye gutanga ingurane ku barimyi ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana.

Emmanuel NIYUNGEKO atera akamo amakomine kuza arorohereza abafise amatonorero.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Hariho abantu bicaye ku gihugu (nk’uyu ngo akwirikirana igiterwa c’ikawa) bariko baragihekenya. None nk’uyu akorera abanyagihugu? Iyo bitaba ibinyamakuru vyasemereye, imyaka n’imyaka yoheze abarimyi b’ikawa barindiriye ko bakomorerwa utwabo babiriye icuya.

  • Nukuri baratevye twasaba ko boza barahemba mukumunani mumamatariki yambere kugira abanyeshure basubire kwishure bahevye kugira tubagurire amakaye

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.