IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ENS : Umwaka w’ishure wa kaminuza 2017-2018 ugiye gutangura.

ENS : Umwaka w’ishure wa kaminuza 2017-2018 ugiye gutangura.

vendredi 23 mars 2018

Umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, Pr.Ir NUSURA Hassan amenyesha ko umwaka wa kaminuza 2017-2018 ku banyeshure bari bamaze igihe biyandikishije kuri iryo shure mu mwaka wa mbere ugiye gutangura ku musi wa mbere igenekerezo rya igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2018.

Pr.Ir NUSURA Hassan, amenyesha kandi ko, amategeko agenga abo banyenshure bashasha kubijanye n’itegeko nshikiranganji ribaha ingurane y’agafashanyo yiswe ”pret-bourse”, bazoyamenyeshwa batanguye kwiga.

Abo banyeshure bagiye gutangura mu mwaka wa mbere, bari bamaze igihe kitari gito biyandikishije kuri iryo shure barindiriye ko bahamagarwa ngo batangura ivyigwa.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.