IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Facebook ryashinze urubuga rw’abana bari munsi y’imyaka 13

Facebook ryashinze urubuga rw’abana bari munsi y’imyaka 13

mercredi 6 décembre 2017

Facebook yahora itemerera abana bari musi y’imyaka 13 gukoresha urubuga rwayo.
Abahinga mu bijanye no gutumatumanako amakuru, bavuga ko hari abana banyegeza imyaka y’abo ubu bikavugwa ko abana imiriyoni 20 kw’isi bari musi y’imyaka 13 bakoresha urubuga rwa Facebook.

Bivugwako Facebook yashitse kw’iyo ngingo inyuma yaho urubuga rwa Snapchat ruhaye akaryo abana bari munsi y’imyaka 13 gukoresha urwo rubuga.

Facebook rishikiriza ko abavyeyi aribo barekuriwe guha uruhusha abana babo bari hagati y’imyaka 6 na 12 gukoresha ubwo buryo ngurukana bumenyi ariko bakabwirizwa kuzokwirikirana ivyo abana babo bakora kur’urwo rubuga.

Ikonte z’abana zizokwuguruzwa n’abavyeyi babo kandi nibo barekuriwe kwemeza abagenzi b’abana bazoganira nabo.

Ivyo abana barekuriwe gucisha kur’urwo rubuga hariho gutumatumanako hakoreshejwe kurungika amasanamu hamwe n’amafoto.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.