IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Twitter igiye gushiraho ubuhinga bushasha bw’ingene ikora

Twitter igiye gushiraho ubuhinga bushasha bw’ingene ikora

mercredi 6 Nzero 2016

Inyuma y’aho abakoresha ubuhinga bwa Twiter bamenyeshereje ko igitigiri c’indome bandika ari gito muri ibwo buhinga igihe bariko batanga amakuru, hariko harakorwa ubuhinga bushasha buzotuma abakoresha twiter andika indome ibihumbi 10 mu gihe zahora ari 140 gusa.

Ikinyamakuru Re/code camenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nzero 2016 ,ko Twitter iriko iragerageza uburyo hamwe hazokwandikwa amajambo menshi ariko hakaguma haboneka amajambo 140 nkuko vyari bisanzwe.

Ubwo buryo bushasha bushobora gutangura mu mpera z’ukwezi kwa gatatu umwaka w’2016, bwiyumviriwe mu ntumbero yo kugarukana amamiriyoni y’abantu bahevye gukoresha twiter,abandi bakinuba uburyo ikora.

Mu minsi iheze, Umuyobozi Mukuru wa Twitter, Jack Dorsey, yavuze ko yagerageje kwumvisha abo bakorana kugira barondere icotuma twiter iba ahantu ha mbere umuntu atangira amakuru y’ibiriko biraba.

Avuga ko icoba cose, twitter iba yiteguye guhindura vyose ngo igarukane amamiriyoni yabanywanyi bayo bayihevye n’abatigeze bayikoresha mu mwaka w’2015.

Re/code ivuga ko uretse guhindura amajambo, muri ico gikorwa co kunagura Twitter, hashobora kuzo nuko yubatse.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.