IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Femi de Jabat :« Nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi bitazimangana (...)

Femi de Jabat :« Nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi bitazimangana »

lundi 29 janvier 2018

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, Femi de Jabat yamenyesheje ko ata muririmvyi azokumirwa muri ico gikorwa, akavuga ko intumbero ari iyo guteza imbere abaririmvyi bo mu mihingo yose.

Femi ati : « Hariho abaririmvyi bari hagati mu gihugu bataronka akaryo ko kuja ahabona kandi bari bafise impano nini mu muziki.Intumbero y’ico gitabu ni uko abaririmvyi boronka aho bisanga, kikaba nk’iratiro ry’ibikorwa vyabo, atawukumiriwe. »

Femi de Jabat yongeye aramenyesha ko bategekanya gukora amasanamu (documentaire) y’ubuzima bw’umuziki ndundi.

Jean Bosco NZIGAMIYE, yaserukiye ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama, avuga ko intambwe Femi de Jabat yateye ari iyo gushima no gushigikira, akamenyesha ko Reta ifise imigambi yo gukomeza ibisata vy’akaranga n’inkino.

Femi de Jabat akaba ategekanya gutanguza icese ibikorwa vyo gutunganya igitabu yise « encyclopédie de la musique Burundaise » kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018 kw’ihoteri Star Hotel, ari kumwe n’imvukira za Bubanza, Cibitoke na Bujumbura.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.