Home > Amakuru > Amashuri > Ibigo bikorera mu bijanye n’indero bisabwa kwugurura ikonti mw’ibanki nkuru (...)
Ibigo bikorera mu bijanye n’indero bisabwa kwugurura ikonti mw’ibanki nkuru y’igihugu
Tuesday 31 July 2018, by
Mw’ikete inomero 620 /CAB/DB/5659/2018,umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga yarungikiye abayobozi b’indero mu ntara,Janviere NDIRAHISHA amenyeshako ibigo vyose bikorera mu bijanye n’indero bifise konti mw’ibanki z’ubudandaji canke mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ziherereye mu gisagara ca Bujumbura canke ku mirwa mikuru y’intara ya Gitega na Ngozi bitegerezwa kugurura konti zavyo mw’ibanki nkuru y’igihugu.
Janviere NDIRAHISHA avuga ko ibigo birabwa n’iyo ngingo ari ubuyobozi bukuru bw’indero mu ntara,ubuyobozi bw’indero muri komine,ubugenduzi bw’indero mu ntara,amashure hamwe n’ibigo vyigisha imyuga.
Muriryo kete ,uyo mushikirangaji arangiza asaba ko ikonti zizoba zuguruwe zica zirungikwa murubwo bushikiranganji bitarenze mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro 2018.
IGIHE
Forum posts
31 July 2018, 12:27, by kabingo dora
None murazi igituma umwo mushikiranganji abigira gutryo? Kugira atunganye ubunyonyezi bwisasiye i nganda muri iyo leta y’Uburundi . Abo bobo nta kundi ntaco bacera bazobigira . Ariko ikitumvikana ni kimwe . Muribuka ingene uwigeze kuba Ministre des finances nyakwigendera Gerard Niyibigira ingene yatondesha ivyerekeye ama compte ya leta ? Ntaho bisana nibiba ubu. Abarundi dutunzwe n’Imana pe
1 August 2018, 12:30, by Busurahende
Izo ngingo z’urutavanako, zimwe usanga ari iza gihuruduka bigatuma baca bazisokora ziva kuki? Uyo muntu nta bijanye n’ubutetsi azi. Gusa ahagarariwe n’ingwe...
1 August 2018, 16:50, by Mybad
Ariko ko hafatwa ingingo zidafasha na gato kumagura akanovera k ‘inyigisho .kuko ubu ndiko ndandika muri kaminuza 200 zo muri Africa Nta kaminuza nimwe iri mwo,none burya inyigisho zitangwa mubona hadakwiye kuba inama rukokoma kuvy uburezi ngo turabe uko ico gisata conagurwa aho gufata ingingo ataco zifasha umunyeshure w umurundi.
1 August 2018, 21:33, by Oligide
Uyomushikiranganji ntawugaye ivyiwe,arko icoyarakwiyegushikiriza nukoubushikiranganjibwiwebwarigutunganya amashirahamwe amahinguriro bugasaba na leta kububasha gushiramungiro nokurekurira abanyamitahe bakinjiramuburundi kugra ikibazocabanyeshure barangizamashure gitorerwe umuti,baronke ivyobakora,abafise amanotameza bakaronswa uburenganzirabwokujakwiyongeza inyigisho mumakungu.bukigisha abana ukuntubokwibeshaho batarinzeguhangamaso leta.
2 August 2018, 16:14, by Mybad
Oligide,kugira abanyamitahe bazanye imitahe yabo mugihugu ico arico cose hari ho ivyo baraba.hariho kuraba uko ibijanye no kurya ibiturire no gusesagura smatungo ya leta.ivyo navyo urazi ko mu Burundi ba bisasiye indava.Hariho umutekano,hariho intwaro ibereye,hariho ni ubushobozi Bw’abagizi.urazi neza ko abantu benshi bakora akazi mu Burundi batarenza $100 .ivyo vyose bogiye hamwe biratuma atabagwizatunga bazana imitahe mu Burundi kiretse abaza kwiyimbira ubutare kugiciro kizimbutse