IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Ibigo bikorera mu bijanye n’indero bisabwa kwugurura ikonti mw’ibanki nkuru (...)

Ibigo bikorera mu bijanye n’indero bisabwa kwugurura ikonti mw’ibanki nkuru y’igihugu

Tuesday 31 July 2018, by vianney

Mw’ikete inomero 620 /CAB/DB/5659/2018,umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga yarungikiye abayobozi b’indero mu ntara,Janviere NDIRAHISHA amenyeshako ibigo vyose bikorera mu bijanye n’indero bifise konti mw’ibanki z’ubudandaji canke mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana ziherereye mu gisagara ca Bujumbura canke ku mirwa mikuru y’intara ya Gitega na Ngozi bitegerezwa kugurura konti zavyo mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Janviere NDIRAHISHA avuga ko ibigo birabwa n’iyo ngingo ari ubuyobozi bukuru bw’indero mu ntara,ubuyobozi bw’indero muri komine,ubugenduzi bw’indero mu ntara,amashure hamwe n’ibigo vyigisha imyuga.

Muriryo kete ,uyo mushikirangaji arangiza asaba ko ikonti zizoba zuguruwe zica zirungikwa murubwo bushikiranganji bitarenze mu mpera z’ukwezi kwa Myandagaro 2018.


IGIHE

Forum posts

  • None murazi igituma umwo mushikiranganji abigira gutryo? Kugira atunganye ubunyonyezi bwisasiye i nganda muri iyo leta y’Uburundi . Abo bobo nta kundi ntaco bacera bazobigira . Ariko ikitumvikana ni kimwe . Muribuka ingene uwigeze kuba Ministre des finances nyakwigendera Gerard Niyibigira ingene yatondesha ivyerekeye ama compte ya leta ? Ntaho bisana nibiba ubu. Abarundi dutunzwe n’Imana pe

  • Izo ngingo z’urutavanako, zimwe usanga ari iza gihuruduka bigatuma baca bazisokora ziva kuki? Uyo muntu nta bijanye n’ubutetsi azi. Gusa ahagarariwe n’ingwe...

  • Ariko ko hafatwa ingingo zidafasha na gato kumagura akanovera k ‘inyigisho .kuko ubu ndiko ndandika muri kaminuza 200 zo muri Africa Nta kaminuza nimwe iri mwo,none burya inyigisho zitangwa mubona hadakwiye kuba inama rukokoma kuvy uburezi ngo turabe uko ico gisata conagurwa aho gufata ingingo ataco zifasha umunyeshure w umurundi.

  • Uyomushikiranganji ntawugaye ivyiwe,arko icoyarakwiyegushikiriza nukoubushikiranganjibwiwebwarigutunganya amashirahamwe amahinguriro bugasaba na leta kububasha gushiramungiro nokurekurira abanyamitahe bakinjiramuburundi kugra ikibazocabanyeshure barangizamashure gitorerwe umuti,baronke ivyobakora,abafise amanotameza bakaronswa uburenganzirabwokujakwiyongeza inyigisho mumakungu.bukigisha abana ukuntubokwibeshaho batarinzeguhangamaso leta.

  • Oligide,kugira abanyamitahe bazanye imitahe yabo mugihugu ico arico cose hari ho ivyo baraba.hariho kuraba uko ibijanye no kurya ibiturire no gusesagura smatungo ya leta.ivyo navyo urazi ko mu Burundi ba bisasiye indava.Hariho umutekano,hariho intwaro ibereye,hariho ni ubushobozi Bw’abagizi.urazi neza ko abantu benshi bakora akazi mu Burundi batarenza $100 .ivyo vyose bogiye hamwe biratuma atabagwizatunga bazana imitahe mu Burundi kiretse abaza kwiyimbira ubutare kugiciro kizimbutse

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.