IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ibisata bimwe vyo mu mashure yigisha ubuvuzi vyugawe

Ibisata bimwe vyo mu mashure yigisha ubuvuzi vyugawe

samedi 2 Nyakanga 2017

Nk’uko biri mw’itegeko nshikiranganji ryo kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2017, ibisata vyigisha ubuvuzi (Soins Infirmiers), igisata cigisha ubushashatsi (Laboratoire) , n’igisata cigisha ibijanye n’isuku (Assainissement) nivyo vyahagaritswe.

Ivyo bisata vyahagaritswe ku mashure akurikira : Ecole Paramedicale SALAMA, Groupe Scolaire Paramedical, Institut Technique Medical de Bujumbura, Ecole Technique Medical de Makamba, Ecole Paramedicale de Kinyana, Medical Mercy Institute de Mugoboka, Ecole Paramedical de Kamenge, n’ishure Ecole Paramedical d’Assainissement et de Laboratoire de Rutana.

Muri iryo tegeko ryateweko umukono n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida Josiane NIJIMBERE, ubushikiranganji busaba abavyeyi bafise abana mu bisata vyugawe kubaronderera aho ivyo bisata bigitanga inyigisho.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida bugabisha kandi abaserukira ayo mashure afise ibisata vyugawe, ko mu gihe borenga kuri izo ngingo bokwugarirwa amashure burundu.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amategeko niyubahirizwe. Inyigisho zitisunze amategeko ntaho zoshikana umwana. Nihamw yoyarangiza ayo mashule ugasanga iyo myaka yose igwijw n’ubusa kuko yoba asa n’uwutize akanduruka aba umuvuzi wamagendu.

  • Amategeko niyubahirizwe. Inyigisho zitisunze amategeko ntaho zoshikana umwana. Nihamw yoyarangiza ayo mashule ugasanga iyo myaka yose igwijw n’ubusa kuko yoba asa n’uwutize akanduruka aba umuvuzi wamagendu.

  • Abo bapfasoni babashize muri Leta kugira babe ivyitso vyayo gusa. Nta vyiyumviro biteza imbere abanyagihugu bariko bazana. Umwe ati: nta gutereka imishatsi, gutunga téléphone bla bla bla...Mwari muzi ko mw’iterambere tugezemwo umwana wawe azimiye canke anyurujwe ushobora kumenya aho ari? Muri téléphone harimwo ubwenge bwinshi abo bashikiringanji batazopfa bahaye abana b’Uburundi. Ehe raba: abarimu baracisinga ingwa, bandika ku bibaho vyirabura ahandi bakoresha ibibaho vyera. Abigisha bose barafise inyabwonko bashobora kuvuganirako n’abavyeyi, abarongozi, abarimu bo mu gihugu canke hanze kugira bungurane ubwenge. Ahandi abana baravugana bakongera bagahiganwa n’abandi bana ku mbuga ngurukanabumenyi. Mugabo Umushikiranganji aritoye ngo uwo azofatana téléphone azokwibonerako n’iterabwoba ryinshi nkuko bisanzwe bikoreshwa muri kino gihugu cacu. Birababaje cane gutwagwa utera uja mu mwijima. Akazi gakwiye guhabwa ugashoboye!

  • Ico mbona abarongoye ayo mashule arimwo ivyo bisata vyahagaritswe yoshira mungiro ivyo yasabwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu hanyuma barabe ko batugururirwa.None amahera konzi barihisha minervalle y’amahera menshi kubanyeshule bareka gushira mungiro ivyo basabwe kubera iki?Nibamenye kw’amagara y’abantu atar’ayo gukinisha .Turashimiye banyakubahwa la ministre yafashe iyi ngingo vyerekana ko akwirikirana ko yanonosoye koko ivy’amagara y’abantu.

  • kobatasiguye icobabahoye kugirabugarire?
    ahusanga batabemereye kuzabarabatereza igiturire mubanyeshure!, kuko bisazwe bizwi murubwo bushikiranganji igiturire carabamugaje cane.

  • DD izokugara n’ibindi bisata vyose,nta terimbere duteze ku ngoma y’ibinywamaraso none ko n’igihugu camaze kugurishwa

  • Bimwe mu vyo umushikiranganji w’indero akora ni vyiza. Nivyo tel irafasha mu kungura ubumenyi no mu Bihugu biteye imbere n’igikoresho gikomeye. Ariko benshi mururwo rwaruka rwacu agaciro baha tel n’agakoresho kabafasha ahanini kugendera mu ngeso z’ubuhumbu. Bicurika ubwenge bwo mw’ishule .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.