IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika ryatanguje isekeza rigira umunani (...)

Ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika ryatanguje isekeza rigira umunani ry’ugucandaga

mercredi 25 avril 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS, iryo sekeza ryatunganijwe ku civugo : ‘’Urucanco rukorwa neza, Gira uruhara rwanyu.’’ Rizokwerekana igituma urucanco rukenewe kandi ari agateka ku muntu wewe na cane cane ku bana n’abakenyezi.

Muri iryo tangazo, Muganga Matshidiso Moeti, arongoye ishirahamwe OMS mu karere ka Afrika, yemeza ko, akarere ka Afrika kateye intambwe mu gushikana urucanco ku barukeneye, kandi ko abakuru b’ibihugu n’amareta biyemeje gushika urucanco kuri bose, biciye mu masezerano bashizeko umukono mu mwaka wa 2017, I Addis-Abeba, mu gihugu ca Etiyopiya.

Muganga Matshidiso Moeti , avuga ariko ko hagikenewe ibikorwa biboneka, kugira bemeze neza ko abana canke abandi bantu bose bakingiwe urupfu n’indwara zose zishobora kurwanywa hakoreshejwe urucanco.

Ku ruhande rwiwe, Leila Pakkala, aserukira ishirahamwe Unicef mu karere ka Afrika y’Ubuseruko niyo Ubumanuko, nimba abantu bashaka ko batera imbere mu bijanye no gucandaga, bategerezwa guhangana n’ibibazo bijanye n’amagara y’abantu , hamwe n’ibibazo bijanye no gushikira abana baba mu bice bigoye gushikamwo.

Muganga Seth Berkley arongoye ishirahamwe ryitaho ivyo gutanga incanco GAVI, avuga ko gutanga incanco ku rugero rwo hejuru bituma haba kubaho kumwe mu bijanye n’amagara y’abantu, kandi ari ingirakamaro mu bijanye no kwubahiriza amagara y’abantu, mu kiringo kirekire muri Afrika.

Kubwa Muganga Seth Berkley , gushikana urucanco ku bantu bose bari ku mugabane wa Afrika, ni kirumara mu guteza imbere amagara y’abantu, gukingira ubuzima no gufasha kwubaka ikibano gikomeye.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.