IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ubugumba ni imwe mu ngaruka z’ingwara zandukira biciye mu guhuza (...)

Ubugumba ni imwe mu ngaruka z’ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Kubwa Muganga yanonosoye ivyo kuvura ingwara zo ku rukoba hamwe n’ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina, Muganga Elie MUPERA, mwene izo ngwara zirashobora gutera ubugumba kandi ngo birababaje kubona umuntu ashobora kugumbaha kubera ingwara ishobora kwikingirwa canke bivuye ku bugaba bwo kuja kwivuza.

Muganga Mupera a bandanye ati : "Si ivyo gusa, umukenyezi yibungenze nawe nyene afise imwe muri mwene izo ngwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina aba ashobora kuvyara umwana agasanga avukanye ubumuga bwo ku mubiri, bwo ku mutima canke bw’iki na kiriya ku mubiri.

Izo ngwara nyene zirashobora gutuma umugore agira imbanyi itameze neza (grossesse extra uterine) ugasanga igi ntiryagiye iyo ritegerzwa kuja ngo rikure hanyuma ngo havemwo umwana, gutyo ugasanga n’imbanyi itazokwigera ishika aho ivuka neza. Ivyo rero ntibihitana umwana gusa ngo numuvyeyi birashobora kujana.

Ibimenyetso vy’izo ngwara rero ngo ni vyinshi, biravana n’ingwara iyariyo, mugabo muri bikuru bikuru harimwo udukomere tujana n’amasumbi, umuntu akajojota ugasanga mu gitsina havayo amashira kandi agiye ku mwanada muto ugasanga afise ububare budasanzwe. Mu bimenyetso kandi harimwo uduhere duto duto turimwo amazi kandi turyana, ibivyimba bihera ku gitsina bigateba bikanashikira n’ibindi bihimba vy’ umubiri, hakaba n’izindi ngwara zitagaragaza ibimenyetso ku gitsina nka hepatite B.

Ingwara rero zandukira biciye mu guhuza ibitsina ni ingwara zivurwa zigakira, mugabo ni ngobwa cane ko umuntu yivuza kare kandi akanabwira na mugenzi we akaja kwa muganga, uwo baba bararanguranye ayo mabanga.


Ornella DUSHIME

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.