IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ishure Inyigisho z’igice ca kabiri (Master) zigiye gutangura muri (...)

Ishure Inyigisho z’igice ca kabiri (Master) zigiye gutangura muri INSP

jeudi 26 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Docteur Pierre Claver KAZIHISE arongoye INSP avuga ko izo nyigisho zigiye gutangwa kuko bimaze kuboneka ko abantu banonosoye ivyo vyigwa atari benshi mu Burundi. N’abahora banonosora ivyo vyigwa bategerezwa gusohoka igihugu, naho nyene bamwe bamwe vyagora kugira bashikeyo, nk’uko bivugwa n’uwo muyobozi mukuru wa INSP.

Pierre Claver KAZIHISE ashikiriza ko ico gisata kijanye n’ivyo gutunganya amagara y’abantu kizoba kigizwe n’ibice bibiri, icerekeye ivy’ingwara uko zifata n’igituma zifata abantu bo mu karere runaka (Etinologie) hamwe n’igice c’abajejwe kuringaniza imirimo ku vyerekeye amagara y’abantu (Gestion du système de santé).

JPEG - 68.9 ko
Docteur Pierre Claver KAZIHISE arongoye INSP (Hagati)

Umuyobozi wa INSP avuga ko iruhande y’impapuro zisabwa gutangwa mu kwiyandikisha, bisabwa ko uwusanzwe ari umuganga aba amaze imyaka 3 ari mu kazi, abahejeje igice ca mbere c’amashure ya Kaminuza mu gisata co gutunganya amagara y’abantu bakabwirizwa kuba bamaze imyaka 5 bari mu kazi.

Abiyandikisha kuzokwirikirana izo nyigisho bategerezwa kuzokwimenyekanisha mu gusaba ikibanza bitarenze igenekerezo rya 15 Kigarama 2017, kw’igenekerezo rya 5 Nzero 2018 naho hakazokorwa ikibazo co kurondera abazokwemererwa kwiga.

Umwaka w’ishure nawo uzotangura kw’igenekerezo rya 29 Nzero umwaka wa 2018, abanyeshure 30 bonyene akaba aribo bazokwemererwa.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.