IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Kaminuza Umwizero wa Afrika yatanze impapuro z’umutsindo ku banyeshuri (...)

Kaminuza Umwizero wa Afrika yatanze impapuro z’umutsindo ku banyeshuri barenga 500

Friday 9 February 2018

Mw’ijambo ryiwe ,umuyobozi wa kaminuza y’umwizero wa Afrika Victor BARANTOTA yamenyesheje ko kaminuza arongoye yama ishira mu ngiro ibikorwa yihaye kandi imaze gushiraho ibigo bitari bike vy’ubushakashatsi bifasha abanyeshure.

Victor BARANTOTA yavuze ko mu ntumbero yo gufasha imiryango ifise amikoro make itoshobora kwigisha abana babo muri kaminuza,kw’iyo kaminuza yategekanije uko ifasha imiryango nk’iyo kugira ishobore kwigisha abana babo.

JPEG - 188.1 kb
Victor BARANTOTA,umuyobozi wa Akaminuza Umwizero wa Afrika.

Uwo muyobozi yamenyesheje ko kuva iyo shure itanguye, imaze gukora ibintu vyinshi bitandukanye mu bijanye no guteza imbere indero y’akanovera.

Victor BARANTOTA yasavye abanyeshure bahawe impapuro z’umutsindo kuja gushira mu ngiro ubumenyi baronkejwe mu bikorwa bagiye kujamwo.

Umuyobozi mukuru w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yaserukiye umushikiranganji w’indero, Anastasie GASOGO yamenyesheje ko kaminuza y’umwizero wa Afirika iza mu ma kaminuza ya mbere mu gihugu c’Uburundi yatanguye gushira mu ngiro indinganizo nshasha y’inyigisho BMD.

JPEG - 179 kb
Anastasie GASOGO, yaserukiye umushikiranganji w’indero n’inyigisho za kaminuza

Anastasie GASOGO yasavye abaronkejwe impapuro z’umutsindo gufata akaryo baronse kugira bibabere inzira yo kubandanya amashure y’inyigisho za kabiri z’amashure ya kaminuza.

Uwaserukiye abanyeshure baronse impapuro z’umutsindo yashimiye kaminuza k’ubumenyi yabaronkeje butandukanye yongera asaba bagenzi we bahereje rimwe kuzokwerekana ubumenyi baronkejwe aho bazoba bari mu bikorwa.

JPEG - 184.5 kb
Emile MANISHA, yaserukiye abandi banyeshuri

Kaminuza yitiriwe umwizero wa Afirika isanzwe yigisha abanyeshure bava mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi nk’ibihugu vy’Urwanda,Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Cameroun ,Tanzaniya,Kenya,Tchad,Turiki hamwe n’ibindi.

Kaminuza y’umwizero wa Afirika imaze gusohora abanyeshure bangana 5317 kuva itanguye ibikorwa vyayo.


BIKORIMANA Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.