IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ingingo yafashwe na Banki y’isi itazogira (...)

Muganga Josiane NIJIMBERE avuga ko ingingo yafashwe na Banki y’isi itazogira ingaruka

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko naho ikigega c’isi yose kijejwe kurwanya Sida, Marariya n’igituntu kigiye kuza kiracisha ayo mafaranga muri PNUD atari irya mbere bibaye ku gihugu, kandi ko ayo mafaranga azobandanya ivyo yahora akora mu Burundi.

"Twebwe nta kibazo dufise. Igikuru n’uko amahera aza, kandi amafaranga azobandanya aca mw’ibanki ya Repuburika y’igihugu nk’uko yahora."

Muganga Josiane NIJIMBERE aremera ko hariho amafaranga atakoze angana n’imiriyoni 30 z’amadorare y’abanyamerika, yari yahawe ubushikiranganji arongoye. Uwo aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu arasigura icabiteye.

"Ego nivyo ayo mafaranga ntiyakoze, ariko impamvu n’uko ubwa mbere twatevye gutangura, ikindi kigira kabiri, mukwiye kumenya ingene ama procédures ameze. Les procédures d’exécutions de ces fonds. Burya wokwicara ngo urabe neza les procédures d’exécutions wohava utahura ingene décaissement yagenze uko."

JPEG - 58.2 ko
Muganga Josiane NIJIMBERE, umushikiranganji w’amagara y’abantu

Imfashanyo y’amafaranga ikigega c’isi kijejwe kurwanya SIDA, igituntu hamwe na Marariya yahora ihabwa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira buyakoresheje mu kurwanya izo ngwara agiye guhabwa PNUD kugira iryo shirahamwe mpuzamakungu abe ariryo riyakoresha muri ico gisata c’ugurwanya izo ngwara.

Mw’ikete Muganga Josiane NIJIMBERE yarungikiwe na Mark Eldon Edington, umukuru w’igisata kijejwe izo mfashanyo zitangwa n’ikigega "Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme", umushikiranganji w’Uburundi ajejwe amagara y’abantu yamenyeshejwe ko ubwo bushikiranganji arongoye butazosubira kuhabwa ayo mafaranga kuva mu ntango z’umwaka uza w’2018. Ayo mafaranga azohabwa ishirahamwe PNUD, igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere.

Nk’uko biri muri iryo kete, iyo ngingo yafashwe kubera amafaranga atangwa muri ubwo bushikiranganji ariko ntakoreshwe, aho bagatanga akarorero k’imiriyoni zigera kuri 30 z’amafaranga y’abanyamerika zitarakoreshwa mu gihe umwaka w’2017 wimirije guhera. Ubwo bushikiranganji bwagirizwa kandi ko budatanga n’ivyegeranyo vy’ingene amafaranga aba yakoreshejwe, ivyo bikagira ingaruka ku mfashanyo zotanzwe mu mwaka ukurikira, kuko amafaranga y’uwundi mwaka aca ateba gusohoka, nk’uko muri ico kigega c’isi kijejwe kurwanya Sida, igituntu na Malariya babimenyesha.

Amafaranga agera ku miriyoni 72,3 z’amafaranga y’abanyamerika yohawe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira akoreshwe mu migambi y’ukurwanya Sida, igituntu hamwe na Malariya mu kiringo co kuva mu 2018 gushika mu 2020 akaba ariyo agiye kuzoca ahabwa ishirahamwe PNUD.

Ikigega c’isi kijejwe kurwanya izo ngwara zitatu catanguye gufasha ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kuva mu mwaka w’2003, amafaranga y’abanyamerika agera ku miriyoni 275 akaba ariyo amaze gutangwa. Ayo mafaranga yafashije gukurikirana abarwayi ba Sida bagera ku 51726 bari ku miti ipfupfahaza, kugura ibikoresho vy’ugusuzuma bigezweho, kugura imiduga n’ibindi.

Ikigega c’isi "Fond Mondial de Lutte contre le Sida, la Tuberculose et le Paludisme" kivuga ko irico cahora kigura ibice 83 kw’ijana vy’imiti ya SIDA, ibice 100 kw’ijana vy’imiti y’igituntu hamwe n’ibice 80 kw’ijana vy’imiti ya Malariya.

Muri ico kigega bamenyesha ariko ko ibimaze gukorwa bidashimsha ico kigega baravye ihangiro, kubera igipfungu kiri mw’ikoreshwa ry’ayo mafaranga hamwe n’amasoko atangwa mu kinyegero.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.