IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Abanyeshure babiri baracapfunzwe

Muramvya : Abanyeshure babiri baracapfunzwe

lundi 19 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyeshure bose bari bapfunzwe bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza iri mu bitabo bakoresha, barahawe ikigongwe c’agateganyo, ariko hakaba hari babiri batararekurwa. Abo banyeshure ni abo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya.

Abo banyeshure ni Alexis Mugerowimana hamwe na Parfait Irankunda. Uwo wa mbere yari asanzwe ariwe arongoye abandi banyeshure bo kw’ishure ryisumbuye rya komine Muramvya. Bahagaritswe bongera batabwa muri yompi mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze.

VOA ivuga ko bagifatwa bagiye gufungirwa mw’ibohero rikuru rya Muramvya ahari hafungiwe abandi banyeshure barenga cumi bagirizwa gusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu mu bitabo vy’ishure.

Urunani rwitaho ineza y’abana mu Burundi FENADEB rwemeza ko rwabwiwe n’ubutungane ko aba bana badapfungiwe dosiye y’ugufutanganya iyo sanamu ya Petero Nkurunziza. Bagirizwa ko aribo bateguye "imigumuko" yabaye kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2016, igihe abaporisi bari baje gufata abanyeshure bagirizwa ugusibanganya isanamu y’umukuru w’igihugu.

Umucamanza wa mbere yafashe ingingo y’ukugumiza mu munyororo abo banyeshure babiri. Bari kumwe n’abashingwamanza babunganira, barunguruje urubanza muri sentare isubiramwo imanza yo ku mugwa mukuru Bujumbura. Ariko gushika n’ubu ntibararengutswa.

Abashingwamanza babunganira n’urunani rw’amashirahamwe yitaho ineza y’abana FENADEB basaba ubutungane kurekura abo bana ivy’agateganyo kugira ntibasubire gutakaza uwundi mwaka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.