IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Muramvya : Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa basaba guhindurirwa (...)

Muramvya : Abanyeshuri bahagaritse ivyigwa basaba guhindurirwa umwigisha

Wednesday 25 October 2017

Amakuru ava mu banyeshuri biga kuri iyo shuri amenyesha ko mu gihe biga mu gisata kijanye no guharura ubutunzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none,umwigisha yigisha ivyigwa bibiri bijanye n’ico gisata adashoboye gutanga ivyo vyigwa.

Abo banyeshuri bavuga ko ivyigwa vya Comptabilite General na Mathematique financiere arivyo batariko bariga neza kandi ari nkenerwa cane muri ico gisata n’inyuma mbere y’ishuri mu gihe boba baronse aho bakorera ubuzi muri ico gisata.

Abanyeshuri bakavuga ko ata kindi basaba atar’uko uwo mwigisha ahindurwa agasubirizwa uwundi abishoboye nabo bagasubira mw’ishuri.

Mu buyobozi bw’ishuri bavuga ko bagiye gutunganya inama izohuza ubuyobozi bw’ishuri,abanyeshuri n’abavyeyi kugira batorere inyishu ico kibazo.


MUGISHA Van Naris

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.