IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ngozi : Ikigo CTB kiriko gitanga inyigisho nkarishabwenge ku bigisha (...)

Ngozi : Ikigo CTB kiriko gitanga inyigisho nkarishabwenge ku bigisha 10000

vendredi 4 Myandagaro 2017

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe CTB ryo kuwa 3 Myandagaro 2017,izo nyigisho ziriko zitangwa mu ntumbero yo gufasha guhindura buke buke indinganizo y’inyigisho hamwe no gufasha gutorera inyishu ibibazo bikomakomeye vyibonekeza mu gikorwa co gutanga ubumenyi bw’akanovera kuri bose.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko ico gikorwa co gukarihiriza ubwenge abigisha , catunganijwe mu ntumbero igihugu c’Ububirigi cihaye yo gufasha mu gisata c’indero.

Muri iryo tangazo,ikigo c’ababirigi kijejwe iterambere CTB, muri buno buruhuko bw’umwaka w’ishuri 2016 ushira uwa 2017,izo nyigisho ziriko zitangwa ku bigisha bigisha mu mashuri ya Reta hamwe no mu mashuri y’abigenga kugira abo bigisha batange ubumenyi kuvyo batahura kandi bashoboye kwigisha.

Mu kubandanya gishigikira igikorwa catangujwe n’umugambi FIE (Formation Initiale des Enseignants),ikigo c’ababirigi kijejwe iterambere CTB kiriko kirashira mu ngiro umugambi ufasha amashirahamwe y’Uburundi mu gukarihiriza ubumenyi abakozi biciye mu gutanga inyigisho ku bigisha (PAORC-FE).

Ikigo CTB kimenyesha ko muri uno mwaka wa 2017, infashanyo y’Ububirigi muri ico gisata co gukarihiriza ubwenge abigisha ingana n’umuriyoni 1 n’ibice 85 vy’amafaranga y’abanyaburaya.

Mwomenya ko muri iki gihe izo nyigisho ziriko zitangirwa mu ntara ya Ngozi ku bigisha bava mu ntara za Kayanza, Ngozi, muyinga na Kirundo, ibikorwa bikazoca bibandaniriza mu ntara zo mu bumanuko arizo Rutana, Bururi na Makamba, mu ntara zo hagati ico gikorwa cararangiye.

Bitegekanijwe ko inyuma yo gukarihiriza ubwenge abigisha, ikigo CTB kibicishije mu bushikiranganji bw’inyigisho kizotanga ibikoresho bigizwe n’ibitabo ku bigisha bigisha mu mwaka wa kabiri w’igice ca kabiri c’ishure nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe Nkorera Kuri CEM Gatsinda(agri-élevage) En Commune Mwumba, Nkaba Nifuje Ko Mwozoturonsha The Tools( Bottine, Impuzu, Gants, Cows, Goats, Ordinateurs,.......) Twokoresha En Agri-élevage, Nkaba Mbashimiye Uko Muzampa Igisubizo. Murakarama, Contacts : 25779598066/ 25769424186

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.