IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > ’’Nta ngingo nigeze mfata yo guhagarika inyigisho zo mw’ijoro’’-NDIRAHISHA

’’Nta ngingo nigeze mfata yo guhagarika inyigisho zo mw’ijoro’’-NDIRAHISHA

jeudi 22 mars 2018

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ko mu nyigisho z’ijoro harimwo utunenge, utwo natwo tukaba dushingiye ku kudatahura ingene umuntu aba yanditswe ko ari mw’ishuri, ayo masaha nyene akaba ari ku kazi.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA yavuze ati :« Biragoye gutahura ingene woba wanditswe muri kaminuza, umwanya abandi baba bari mw’ishuri, ukaba uri ku kazi. »

JPEG - 130.1 ko
Janviere NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi

Uwo mushikiranganji yameyesheje ko, naho biri ukwo, hamwe abafise ico bajejwe bose mu gisata c’indero boja hamwe, boshika ku ntambwe yo kugarukana akanovera mu ndero.

Ikibazo c’inyigisho za kaminuza zitangwa mw’ijoro zaravuzweko vyinshi, inyuma y’aho umushikiranganji w’indero inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi yerekaniye amakenga k’ukungene zitunganijwe.

Muri Reta babicishije mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bahagaze ahanini ku bakozi ba Reta baronka biga kaminuza mu masaha y’ijoro, bagaca basaba ko baduzwa imishahara bafatiye ku mpapuro z’umutsindo baronse bari ku kazi.

Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bamenyesha ko inyigisho zo ku mugoroba mu mashure ya Kaminuza zitagiye guhagarara, ariko ko umukozi wa Reta azosubira kuja kwiga atarungitswe n’umukoresha wiwe atazobironkera uturusho duhabwa uwuronse impamyabushobozi iri hejuru y’iyo yaronkeyeko akazi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.