IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Abigisha bo kw’ishuri rya Komine Muhwazi bahagaritswe (...)

Ruyigi : Abigisha bo kw’ishuri rya Komine Muhwazi bahagaritswe n’igiporisi

lundi 4 décembre 2017

Amakuru ava mu banyeshuri bo kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi bamenyesha ko inyanduruko ya vyose ari yegereyegere y’abanyeshuri yabaye mu gatondo ko kur’uyu wa mbere.

Abo banyeshuri bavuga ko iyo yegereyegere yari ifise intumbero yo gusaba umuco ku mafaranga yoba yarongerejwe ku mafaranga y’ishuri basanzwe batanga, hamwe no gusaba ko urutonde rw’ingene bazokora ibibazo vy’igice ca mbere rwohindurwa kuko ibibazo vyegeranye ari vyinshi.

Baba abo bigisha canke abo banyeshuri bahavuye baca batwarwa ku murwa mukuru w’intara ya Ruyigi ; amakuru ava mu miryango yabo amenyesha ko boba bagiye gupfungirwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi.

Abo mu miryango yabo bigisha nabo banyeshuri bahagaritswe, basaba ko ababo barekurwa, kuko ico kibazo kitari gikwiye gushika mu nzego z’umutekano ariko vyari kuba vyiza gitorewe umuti n’ubuyobozi bw’ishuri.

Ivyo bibaye mu gihe ku mashuri menshi yisumbuye mu gihugu, ibibazo nyezina vyatanguye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.