IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ruyigi : Sendika SEPEDUC isaba ko abigisha 5 bapfunzwe barekurwa

Ruyigi : Sendika SEPEDUC isaba ko abigisha 5 bapfunzwe barekurwa

jeudi 7 décembre 2017

Vyose vyatanguye kuwa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017 aho abanyeshuri bo kw’ishuri rikuru rya komine Muhwazi bagira yegereyegere bariko basaba umuco ku mafaranga 4500 vyasabwe n’umuyobozi avuga ko ari ayo guhemba abigisha b’abakutsakivi, bagasaba kandi ko urutonde rw’ingene ibibazo bikorwa ruhindurwa, kuko bari bahawe gukora ibibazo bitatu ku munsi.

Uwo munsi wa mbere nyene, abigisha 10 baciye bajanwa gupfungirwa muri komisariya y’igiporisi mu Ruyigi, mu gihe baserukira abandi banyeshuri mu mashuri baciye bapfungirwa mu gasho ka komine Nyabitsinda.

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Kigarama 2017, batanu muri abo bigisha bari bahagaritswe bahavuye barekurwa, abandi bigisha batanu baguma bapfunzwe, naho nyene amakuru ava aho mu Ruyigi amenyesha ko batigeze babazwa.

Muri sendika y’abigisha SEPEDUC, Gerard NIYONGABO ayirongoye avuga ko yisunze ivyabaye aho kw’ishuri rya Komine rya Muhwazi, bishoboka ko ingingo yafashwe umuyobozi atagiye inama n’abigisha, canke ngo avugane n’abavyeyi.

JPEG - 153.1 ko
Gerard NIYONGABO, Arongoye sendika y’abigisha SEPEDUC

Gerard NIYONGABO arongoye Sendika y’abigisha SEPEDUC avuga ko gushika ubu batabona ingingo yisunzwe mu gupfunga abo bigisha bigisha kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi , nico bashatse gukinga.

Umukuru wa sendika SEPEDUC agasaba ko abo bigisha 5 basigaye bapfunzwe nabo barekurwa,bumvirizwe bidegemvya, kuko ata cotuma bahunga, gutyo bakore akazi kabo umutima uri mu nda.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.