IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abayoboke ba Zebiya bahungiye mu Rwanda bagabishijwe

Abayoboke ba Zebiya bahungiye mu Rwanda bagabishijwe

mardi 13 mars 2018

Izo mpunzi zigizwe ahanini n’abayoboke b’umwigeme Zebiya NGENDAKUMANA zababa 2500, zavuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, zishikira mw’ikambi nfatakibanza ya Nyarushishi, mu buseruko bw’Urwanda.

Amakuru ava mu gihugu c’Urwanda aho izo mpuzni zashikiye, amenyesha ko inyifato berekana yateye amakenga abayobozi, aho banka ibifungurwa vyo mu mahinguriro, banka kuvurwa n’umuganga uwariwe wese uretse abo bazanye, ata mwana wabo bemera ko akingirwa, banka kurya amavuta, umunyu, isukari n’ibindi.

Kubera iyo nyifato, umushikiranganji ajejwe gukinga ibiza no gutahukana impunzi mu gihugu c’Urwanda, De Bonheur Jeanne D’Arc, ari kumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ico gihugu, Muganga Diane GASHUMBA baragendeye izo mpunzi kugira baganire ku nyifato bogira mu gihugu bahungiyemwo.

JPEG - 79.3 ko
Impunzi z’abarundi zimukiye mu Rwanda zivuye muri Kongo

Umushikiranganji ajejwe gukinga Ibiza no gutahukana impunzi amenyesha ko batokwemera ko ubuzima bwabo buhungabana kubera ivyo bemera, kandi ko amategeko y’igihugu c’Urwanda ategerezwa kwubahirizwa.

Uwuserukira izo mpunzi, amenyesha ko ivyo basabwa n’abayobozi mu gihugu c’Urwanda bigoye kwubahiriza, ariko bazogerageza, kuko bigoye kuvuga ko bishoboka canke bidashoboka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iyi dunia iko na vituko haki ya Mungu,nimubakubite iyo mihimbiri.

  • barabe neza kuko ivyo biribga baguma babahatirako ngo babirye kandi banse wosanga birimwo uburozi kuko sinumva ikintu gituma baguma babahatirira kubirya. cankwe barungike abahinga bavuye muburundi babanze babipime. murakoze.

  • Mu Rwanda ho si aho kuza gukinira. ngo ntazi ko bishoboka, canke bidashoboka ni bidashoboka bazabasubiza iwabo ntibibwire ko alibo bategeka ibyo bakorerwa. ntibibeshye

  • Mu Rwanda ho si aho kuza gukinira. ngo ntazi ko bishoboka, canke bidashoboka ni bidashoboka bazabasubiza iwabo ntibibwire ko alibo bategeka ibyo bakorerwa. ntibibeshye impunzi, zose nikimwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.