IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b aravuga umuntu yikuye impuzu muri "Video" yiwe

Sat-b aravuga umuntu yikuye impuzu muri "Video" yiwe

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ako gace k’isanamu kabonekamwo Sat-b, umuhinyanyuzi Kolly the Magic, Wallas, n’uwundi umwe tutashoboye kumenya. Mu mpera z’iyo sanamu haboneka umwe muribo akuye agashati yari yambaye. Sat-b ahejeje kumenyesha ko uwo yakuye agashambara ari umukunzi wiwe (Fan) yinjiye abasanga kwa Kolly, maze bafata akanya ko kuryoherwa nabo. Iyo sanama iboneka aha : https://www.facebook.com/satb257/videos/1303803609731911/

Tumubajije icamujanye kwa Kolly, Sat-B atubwira ko yari arangije igikorwa c’ururirimbo yakoranye n’umuririmvyikazi Clementine. Urwo narwo rukaba rwanaheze hasigaye ko rusohoka. Sat-b ntiyashimye kuvuga umutwe warwo.

Intumbero yo gukorana na clementine, Sat b avuga ko ari kunagura abaririmvyikazi b’abarundi batariko baboneka cane mu muziki w’Uburundi. Ururirimbo bakoranye tugiye kurubashikiza vuba.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.