IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Sat-b yaraye ashimishije abakunzi biwe

Sat-b yaraye ashimishije abakunzi biwe

jeudi 6 Mukakaro 2017, par Jean de Dieu M.

Abanyeshuri bo kuri Lycée du Lac Tanganyika biriranywe umutumire w’iteka mu birori vyo kwakira inyigisho zatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya sida. Hamwe na Dj Israël na Dj B, na MC Nsavye Christian, Sat- b yarashoboye gukora igiteramo caryoheye abari bishikiye muri ico kibanza.

Zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe gusumba izindi zaravugijwe. Sat-b yaratera bakitabira, eka harageze n’igihe bamwe mu banyeshuri bari aho baririmba mu kibanza ciwe. Sat-b ati : "Ibi birandyohera kuko binyereka ko ururirimbo rwakunzwe". Ivyo birori kandi vyunyuwe n’intambo n’utundi tugenegene tw’umurwi Black Snakes.

Sat-b, nk’umutumire w’iteka, niwe yasozereye ibirori. Ivyo navyo yabirangirije ku ruririmbo " Too much" rwaryoheye cane abari aho.

Twobamenyesha ko ico giteramo kititabwe n’abantu benshi kandi hari ku buntu. Bamwe n’abandi bakibazako ko kitatangajwe cane


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.