IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEPEDUC isaba ko umwigisha yagomvye kwica umunyeshuri (...)

Sendika SEPEDUC isaba ko umwigisha yagomvye kwica umunyeshuri ahanwa

jeudi 15 mars 2018

Gérard NIYONGABO arongoye sendika SEPEDUC avuga ko ari ibara, aho umwigisha ahemuka agashaka no kwica umwana yononye, yari asanzwe ariwe ajejwe kumuha indero.

Umukuru wa Sendika SEPEDUC asaba ubutungane gukora budahengamye, buhashe iyo ngeso mbi, y’abigisha bonona abo bategerezwa kurera.

JPEG - 23 ko
Gérard NIYONGABO, umukuru wa Sendika y’abigisha DEPEDUC

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ntwarante 2018, niho umwigisha yigisha kw’ishure ryisumbuye Lycee de la Perseverance ry’i Mweya, muri komine n’intara ya Gitega yagerageza kwica umwana w’umukobwa yigisha inyuma yo kumenya ko afise inda yiwe.

Uwo mwana yatowe aho yatawe n’uwo mwigisha ku nkengera z’uruzi Ruvyironza, aca ajanwa mu bitaro vya Ntita, muri komine Gishubi, ariko mu nyuma baca bamurungika mu bitaro bikuru vy’i Gitega, ari naho akiriko aravurirwa.

Agiheza kugerageza kwica uwo munyeshuri, uwo mwigisha yaciye ahunga,mu giporisi c’Uburundi bakaba bamenyesheje ko atarafatwa,akiriko araronderwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.