IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEPEDUC isaba ko igikorwa co gukwiragiza abigisha cosubirwamwo

Sendika SEPEDUC isaba ko igikorwa co gukwiragiza abigisha cosubirwamwo

mardi 3 Gitugutu 2017

Gerard NIYONGABO aserukira SEPEDUC amenyesha ko gufata umuntu atubatse ko ariwe aca yunguruzwa bitubahariza agateka ka zina muntu kandi ko ataho vyanditse mu mategeko agenga abakozi n’akazi .

Gerard NIYONGABO agira ati : «Ugufata umuntu atubatse ko ariwe aca ahindura aho akorera ntivyisunga agateka ka zina muntu kuko ataho biri mu mategeko y’igihugu agenga abakozi n’akazi, ntiyoca ahanwa ngo nuko atarubaka, umwigisha avuye kw’ishure iyo agiye aguma ari mushasha ku buryo ariwe azoguma yunguruzwa kuko aho ashitse aguma ari mushasha ».

Uwo aserukira SEPEDUC ashikiriza ko abayobozi b’amashure hamwe n’abayobozi mu ntara batagishijwe inama muri ico gikorwa bikaba vyatumye abigisha bagenda gukorera kure yabo kandi hafi y’abo abigisha bari bakenewe na cane cane ku mashure nshingiro.

Gerard NIYONGABO atanga akarorero ku bavuye muri komine Songa barungikwa i Karusi kandi hagufi yabo vyari gukunda ko aronka akazi. Ubundi burorero atanga nubwo mu ntara ya Mwaro kw’ishure shingiro rya Muramba commune Ndava aho abigisha baho bajanywe ahitwa mu Gatwe aho abayobozi bonyene bemeza ko abo bigisha batari basabwe hamwe na komine Bisoro aho kw’ishure nshingiro rya Kibika yafashe umwaka w’9 awurungika ku rindi shure kuko yabuze abigisha kandi iyo komine yari avuyemwo abigisha bagenda kwigisha ahandi mu zindi ntara.

Gerard NIYONGABO asaba ivyafatiweko mu gukwiragiza abigisha aho bakenewe ko vyosubirwamwo kugira vyirwe neza bongere bakore icigwa c’ibikenewe mu bigisha mu gihugu cose kugira umwigisha aje kure aruko hafi yaho ahereye bidashoboka uhereye kuri Komine gushika mu ntara imbere y’uko batandukira hanze y’intara.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.