IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero bwashize ahabona amashure ashobora (...)

Ubushikiranganji bw’indero bwashize ahabona amashure ashobora guhagarikwa

dimanche 28 Rusama 2017

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona,ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bwisunze itegeko ry’umukuru w’igihugu ,amashuri atashikanye ibice 30 kw’ijana mu kibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabairi c’ishuri nshingiro mu mwaka w’ishuri wa 2015-2016 n’umwaka w’ishuri wa 2016-2017 atazokwemererwa gukora mu mwaka w’ishuri uza wa 2017-2018.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umushikiranganji w’inyigisho Janviere NDIRAHISHA, ubushikiranganji bumenyesha ko ico umuyobozi w’ishuri ashoboye kibonekera mu manota abanyeshuri biga kw’ishuri arongoye baronka mu bibazo vya Reta.

Iryo tangazo rishira ahabona amashuri yo mu ntara ya Muramvya nayo akaba ari : ECOFO BURUHUKIRO, LCO BUGARAMA,COCO MURAMBI, L CO BUSIMBA, ECOFO BUSIMBA, L CO MBUYE, L CO GAHORORO, L CO MUNYINYA , CO CO MUGOGO, ECOFO KANEGWA, COCO KANYAMI na ECOFO RUBUMBA.

Hari haheze amezi make ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’amashuri mato mato, ayisumbuye na kaminuza bushize ahabona urutonde rw’amashuri afise amanota make mu bibazo vya Reta, ayo nayo agashobora guhagarikwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • None Abaga Mumwaka Wambere Wamashure Yimber Ya Shure Shingiro Biga Section Pédagogique Bazokwig Imyaka Ingahe

  • Guhagarika ishure siwo muti kuko atari iryo shure ryabikoze.Ico mbona cofasha,HOHINDURWA ABAYOBOZI B’AYO MASHURE.Uyu munsi inka ikamwe maka,ikosa si ku nka ahubwo ni ku mwungere w’inka.

  • muraraba naza ko amatangazo avuna umutima asohorwa n indongozi zitandukanye kugwego gw igihugu ko atoba ari intondoroko y ukwijajara.igihe cose umwarimu azoba adafise ubwigenge bwo kwigisha,kubaza,no gutanga uburenganzira bwo kwunguruzwa kubanyeshure bakoze neza,abskoze nabi bagahabwa ingero ibakwiye ikibazo c indero kizoba kirekire.Ubu ntibarabibona nibarindire.Abashikiranganji baguma bifatira ingingo zereka abanyeshure ko womenha abigisha ntaco bamaze ...Ntanuwobivuga ngo sbimare tout simplement nibareke kwimaramaza,kuko ntamu directeur akora ikibazo mukibanza c abanyeshure.Ahubwo bige igituma bimezukokibe arico batorera umuti

  • Ico Ciyumviro Ndagishigikiye Kuko Hari Abayobozi Kuva Baronse Iryo Grade Umengo Babahaye Gutembera Gusa Ivyabarimu Utamubaza Usanga Ari Umu Laisser Faire.Ariko Rero Murabe N.Abo Bigisha Hari Benshi Badafise Ubumenyi Bukwiye Amashule Bafise Make Ugasanga Ntiwokwigisha Neza Abo Musa Canke Munganya Amashule N’atange Akazi Hari Imiyabaga Iciye Ubwenge Ihejeje Kaminuza Muri Système BMD Ni Bayishire Ku Rubuga Ikore Iteze Imbere Abandi

  • AHO HO HAZOSIGARA BAKE.MBEGA ABAREZI BO MUZOCA MUBAJANA HE?

  • Nanone Bagerageza Ko Batanakukuruka Ngo Abandi Bashikirwe.Bari Bakwiye Mbere Gutanga Ikiringo C,imyaka Itarengwa Gukora Mukazi Maze Nabandi Bagashikirwa Bagakurayo Mineruvare Yabo.Vyoba Vyiza!

  • Amashure yashikiwe nizo ngorane zokumenyesha abana ku rugero ruri hasi nkuko ko arangwa mu ntara imwe gusa ni kuki?ivyiza numv’umengo si ukugarwa ahubwo ni ukwicarirwa bakayigako icatumye abana bayoberwa kuri urworugero bamaze gutora iyo vyazananye bagatorera inyishu iyo ngorane bahabonye hako bihutira kuyugara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.