IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umushikiranganji w’indero yategetse ko ururirimbo ruhayagiza igihugu (...)

Umushikiranganji w’indero yategetse ko ururirimbo ruhayagiza igihugu rusubira kuririmbwa mu mashure

lundi 12 mars 2018

Mu rwandiko umushikiranganji yashizeko umukono, amenyesha ko ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwasanze ko hadafashwe ingingo mu maguru masha, ibijanya no gukunda igihugu no guha iteka ry’igihugu biciye mu kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu, no kuduza ibendera, bishobora gutituka.

Muri urwo rwandiko,umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA asaba abayobozi b’amashure nshingiro n’ayayakurikira gukangurira abo barongoye gukunda igihugu, baba abigisha canke abandi bakozi, mbere bagashira umwitwaririko munini ku banyeshuri.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA amenyesha ko abanyeshuri bategerezwa kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu mu gihe co kuduza ibendera no kumanura ibendera, ku minsi yose y’ishuri, imbere y’abayobozi b’ishuri n’abigisha.

Umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi asaba abanyeshuri kumenya neza ururirimbo ruhayagiza igihugu bakifata neza mu gihe ruriko ruraririmbwa, bakerekana kandi umutima wo gukunda igihugu mu myifato no mu ngiro.

JPEG - 19.3 ko
Janvière NDIRAHISHA,Umushikiranganji w’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi

Muri urwo rwandiko, umushikiranganji amenyesha ko ku mashuri nshingiro ururirimbo ruhayagiza igihugu ruzoririmbwa mu gatondo imbere y’uko ivyigwa bitangura, rukaririmbwa kandi inyuma y’ibikorwa vyo ku munsi.

Umushikiranganji Janvière NDIRAHISHA asaba abayobozi b’indero mu ntara no mu makomine gukurirkiranira hafi ishirwa mu ngiro ry’ibiri muri urwo rwandiko, ku neza yo gukundisha igihugu urwaruka.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe nakuze mbona turirimba Burundi bwacu imbere yo gutangura ivyigwa ndi mu mashure matoya, muri za 92 twaca mbere twongerako ururirimbo ruhayagiza ubumwe bw’Abarundi n’uruhayagiza Uprona, hariho n’iyindi version Burundi bwacu "Burundi we ragi ry’abasokuru". Ntiworavye akamwemwe twaziririmbana. Ahubwo uyo mushikiranganji niwe we rero. Uwutoshigikira ico ciyumviro ciwe ntaco azi, ntaco yabonye. Izo ndirimbo tuzizi ku mutwe Abarundi bari mu myaka 50 n’iyirenga. Komera Mushikiranganji kandi urwaruka n’abavyeyi n’abarezi bakwubahe. Songa mbele.

  • Uyo mutegetsi mwomenyera yize mu makaminuza yo muri Pyongyang canke za Beijing/Pékin ? Ko umengo ivyo bintu niyo bikaze ? Guhayagiza igihugu ni vyiza ariko iyo waraye ubusa mambu yee !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.