IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Kaminuza y’Uburundi yahawe umuyobozi mushasha

Kaminuza y’Uburundi yahawe umuyobozi mushasha

Tuesday 19 June 2018, by vianney

Kubw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/062 ryo kuwa 18 Ruheshi 2018 ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA, rimenyesha ko Francois HAVYARIMANA agenywe kuba umuyobozi w’ishure Kaminuza y’Uburundi naho Melchior NANKWAHOMBA agenywe kuba umuyobozi ajejwe uburaro muri iyo kaminuza.

Hari haheze hafi amezi abiri abura umusi umwe kaminuza y’Uburundi idafise umuyobozi mukuru inyuma yaho uwahora ayirongoye Gaspard BANYANKIMBONA agenywe mu mabanga yo kuba umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.

Kaminuza y’Uburundi ikaba yahora irongowe vy’imfatakibanza n’icegera c’umuyobozi Rosalie BIKORINDAGARA.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.