IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Umwirutsi Mo Farah arahakana ko ata miti yongereza inguvu yafashe

Umwirutsi Mo Farah arahakana ko ata miti yongereza inguvu yafashe

lundi 27 Ruhuhuma 2017

Ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubwongereza Sunday Times kimenyesha ko gifise amakuru ko umumenyereza w’umunonotsi Mo Farah ava mu gihugu ca Somaliya yamuha imiti ituma yongereza inguvu.

Ikinyamakuru Sunday Times kimenyesha ko ayo makuru cayakuye mu kigo c’abanyamerika kijejwe gukurikirana inyifato y’abanonotsi.

Mo Farah ava mu gihugu ca Somaliya azwi kuba yaratahukanye imidari y’inzahabu mu kwiruka imetero 5000 na 10000 mu mahiganwa abiri mpuzamakungu yo kunonora imitsi aheruka kuba.

Naho biri ukwo , kuri uno w’Imana igenekerezo rya 26 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 umunonotsi Mo Farah yamenyesheje ko ivyo yagirizwa ko yahawe imiti imwongerereza inguvu atari vyo kandi ko yera.

Ikinyamakuru Sunday Times kimenyesha ko umunonotsi Mo Farah atari we wenyene yahawe iyo miti,kuko umumenyereza wiwe iyo miti yayihaye n’abandi yamenyereza.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.