Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bamvuginyumvira biteze ko ubutungane bwitera iteka
Ababuranira Bamvuginyumvira biteze ko ubutungane bwitera iteka
vendredi 13 Kigarama 2013
Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Ferederiko Bamvuginyumvira yumvirijwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 13 Kigarama 2013. Sentare ijejwe kurwanya igiturire yamwumvirije ikiringo c’amasaha hafi atatu, ku caha ariko arakurikiranwako co kutanga igiturire. Ababuranira Ferederiko Bamvuginyumvira bizeye ko abacamanza bafise urwo rubanza bahava bashira imbere ukuri, uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu arekurwe.
- Ferederiko Bamvuginyumvira
Ku munsi ugira gatanu ari ku Musaga mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Ferederiko Bamvuginyumvira yumvirijwe na sentare ijejwe kurwanya igiturire. Umushikirizamanza yabandanije ido n’ido ry’urubanza rwa Bamvuginyumvira yagirizwa gutanga igiturire, inyuma y’aho icaha co kurenga ibigo bakimukuyeko. Fabiyano Segatwa, umwe mu bashingwamanza baburanira Bamvuginyumvira amenyesha ko ubutungane bwari bukwiye kwikubita agashi bukarekura Ferederiko Bamvuginyumvira, kuko ubwa mbere yafashwe amategeko atubahirijwe, n’ivyo bariko baramukurikiranako bidakwiye kumujana mu munyororo. Kubw’umushingwamanza Fabiyano Segatwa, n’aho ivyo bariko baramwagiriza vyobaye arivyo, amategeko ategekanya ko yocibwa ihadabu ry’amafaranga, kuva ku bihumbi mirongo ibiri vy’amarundi, gushika ku bihumbi ijana.
- Umushingwamanza Fabiyano segatwa
Nk’uko bitegekanijwe, umushingwamanza yumviriza kandi na Josephine Nzeyimana, umupfasoni bivugwa ko yafatanywe na Ferederiko Bamvuginyumvira. Mu gihe ivyemezo bihari vy’ico caha c’igiturire ari amasanamu yafashwe, umushingwamanza Fabiyano Segatwa amenyesha ko ayo masanamu adakwiye nk’ivyagiriji, ahubwo agasaba ko abavuga ko bahawe igiturire boza bagasigura ingene bigenda ko igiturire gitangwa amasanamu ariko arafatwa.
Fabiyano Segatwa abandanya amenyesha ko bizeye ko umushikirizamanza ahava akoresha ububasha afise, yerekane ko ahagarariye ukuri mugukurako ico caha Bamvinyumvira, canke bamureke abandanye aburana yidegemvya.
- Bamvuginyumvira (i bubamfu) aganira na Léonce Ngendakumana, umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU (i buryo) (i buryo)
Twobamenyesha ko kuri uwu munsi nyene kuwa gatanu, ibiro vyo mu Burundi bijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoye itangazo, aho bamenyesha ko ipfungwa rya Ferederiko Bamvuginyumvira (yahoze icegera c’umukuru w’igihugu, umushingamateka w’Uburundi, n’icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU muri iki kiringo) rije mu mwanya hari hakwiye kuba hari umwumvikano hagati y’abanyeporitike, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yo mu mwaka w’2015.
Ivyo biro vyo mu Burundi bijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biributsa uburenganzira bw’umunyagihugu wese ategerezwa gutunganirizwa mu kwubahiriza agateka ka zina muntu.
- Bamvuginyumvira ari kumwe n’umupfasoni wiwe
Egide Nduwimana
Messages
13 Kigarama 2013, 14:33, par 111111
aba dd bazoboba kandi bashikirwe nivyanditse muri psaume111.kuko ntibahanurwa kandi abo ba generaux bapfundikira vyose muri club 144 canke hamwe iwabo nabo,,bakwiye kwimba bigera ,,ruriye umwe rutabibagiye...
13 Kigarama 2013, 16:26, par Kabizi
Noneko atarenze ibigo yatanze igiturire c’iki?Ahubwo ni barabe bitwarire uwamwararaje ku ma radio n’ama télévision hanyuma yuhagirwe!iryo ni ibara!
13 Kigarama 2013, 19:50, par KIRINYOTA
Ariko akazi k’ubucamanza k’iburundi karagoye. None nkaho baraheza bakaronka ikibazo bamubaza bazi ko ari irementanya gusa. Mwa bacamanza nobahanura kwifuka mujisho mukarekura uwo muntu apfungiwe ubusa. Ndazi ko muremewe n’abo hejuru mais murye umutima amenyo ntaco muzoba MUKORESHE UKURI n’amategko mwize niba mwarayize. On ne sait jamais. Hari abaja mw’ishure bakishinga gusinzira mais nizeye ko mwebwe mutasinziye quand même.
13 Kigarama 2013, 21:00, par Gasongo
Ewe ndi nestor hatungimana ndi muri africa yepfo ivyi yo muburundi biragoye

13 Kigarama 2013, 21:01, par Gasongo
Ewe ndi nestor hatungimana ndi muri africa yepfo ivyi yo muburundi biragoye
14 Kigarama 2013, 02:12, par Peter
Ico gihugu kiri munzira ija he? Gihonomu!!! Nakamaramaza ko abantu barengana bahogwa ico bari haba muri politik canke mu migambwe. Gerageza Mwungere peresida ureke guhonya izuragijwe. Imana ntizokubabarira kuko ubu usigaye iciribwa urubanza n’abana. Abacamanza nabo sibo kuko batabikoze uko ico bimye ni bo boca bigisukwamwo. Uwuri hejuru yivyo vyose Imana ntizomubabarire kuko Imitima yabarundi irababajwe bishoboka... Reka Reka Reka, Subukene bubitera ahubwo nububisha, ubukozi bwikibi butagira akagero. Abarundi barakeneye iterambere iterabwoba ritari inyuma.
14 Kigarama 2013, 14:04, par steven
iryo rementanya barikoze nabi iyaba arijewe narikoze narikumufatira indani mucumba hamwe nuyo mugore barumwe nimodokari yiwe ntiyarikuvaho! Kuko nivyo vyarikuba ivyabona rero nibamurekure kuko ntavyabona bafise kandi ayomafoto bavuga ntasbora kumu tsinda