IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu basabwa gufata neza amabombo rusangi

Abanyagihugu basabwa gufata neza amabombo rusangi

lundi 11 Munyonyo 2013

Ibice bimwe bimwe bigize igisagara ca Bujumbura vyari bimaze igihe bitagira amazi meza, vyaruguruwe nk’uko bimenyeshwa na Lewonidasi Sindayigaya, umuyobozi w’igisata c’amazi muri REGIDESO.

Uyo muyobozi rero, agasaba abanyagihugu baherutse kwugururirwa amabombo, kuyabungabunga, bakayafata neza kuko ari ayabo. Ivyo akaba yabimenyesheje mu gihe abanyagihugu bo mu makomine atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura bari barugariwe amabombo rusangi kuko bayafata nabi, umunsi wose ugahera amazi aguma yisesa hakabura n’uwo yugara.

Abanyagihugu bo ku Musagaga, Gihosha Rural, Gisandema, n’ahandi bahora batagira amazi meza bakaba barugururiwe ayo mabombo rusangi. Abanyagihugu bo muri iyo micungararo bakaba bashima bimwe bivuye ku mutima ayo mabombo kuko bari bageze aho umwansi ashaka. Bavuga ko bazinduka ijoro kuvoma, naho nyene hakaza ima rimwe rimwe ukaja kuyakwiza ugeze habi. Babandanya bakavuga ko bari batunzwe n’amazi yo mu myonga, nayo akaba yuzuyemwo utuyoka, bagaca bamana indwara zo gucibwamwo hamwe n’izindi ziva kw’isuku rike. Abifise nabo, bakaba bagura utumwanya tw’amazi ku mafaranga 50.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.