IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 12 bari mu kigo co ku Mutanga n’aho bagenzi babo (...)

Abanyeshure 12 bari mu kigo co ku Mutanga n’aho bagenzi babo birukanwe

lundi 7 Ndamukiza 2014

N’aho umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi Joseph Butore yafashe ingingo y’ukwirukana mu bigo vya kaminuza abanyeshure bose gushika basubiriye kwiyandikisha, hari akarwi k’abanyeshure 12 bamaze iminsi bari mu kigo ca kaminuza ku Mutanga, kandi bagenzi babo bari muri yegereyegere.

Amakuru ava muri kaminuza y’Uburundi avuga ko abo banyeshure bahamaze iminsi babwiye bagenzi babo ko bafise uburenganzira bwo kuba bari muri ivyo bigo, kuko biyandikishije nk’uko babisabwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, ariko bagenzi babo bagatangazwa n’ukubona bari aho mu kigo co ku Mutanga bonyene, kandi n’ivyigwa bitaratangura gutangwa. Aho mukamenya ko abajejwe gutegura imfungurwa z’abanyeshure bahawe itegeko ryo kwama babatekera indya zibakwiye.

Ku ruhande rw’abo bandi banyeshure, iyo ngendo ni iyo gucanishamwo abanyeshure, kuko bitumvikana ingene umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi yofata ingingo, ariko igashirwa mu ngiro kuri bamwe gusa.

Nk’uko bivugwa na bamwe mu banyeshure, abo bakiri mu kigo ca kaminuza iyo baba ari abatishoboye, canke abatagira aho baba vyari kwumvikana, ariko naho nyene bikabanza gusugurirwa abandi, ntibagume mu bigo vya kaminuza mu kinyegero.
Amakuru yo kwizerwa ava aho muri kaminuza y’Uburundi avuga ko abo banyeshure 12 bari mu kigo ca kaminuza ku Mutanga bagizwe n’urwaruka rw’Imbonerakure zirongoye abandi muri kaminuza y’Uburundi, bakaba bahawe igikorwa co guhimiriza abandi kwiyandikisha n’ukuza gutangura ivyigwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.