IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza za Reta bemeye gusubira mu mashure

Abanyeshure ba kaminuza za Reta bemeye gusubira mu mashure

mardi 6 Rusama 2014

Inama umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi yagiranye n’abigisha ba Kaminuza za Reta kuri uwu wa mbere yabaye nk’inyishu z’imfatakibanza ku bibazo abanyeshure bari bafise. Bisunze ivyasabwe n’abigisha ba Kaminuza za Reta muri iyo nama, abanyeshure bafashe ingingo yo guhamagarira bagenzi babo gutangure ivyigwa kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2014.

Amezi hafi abiri yagira akwire abanyeshure bo muri Kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS bahagaritse ivyigwa kubera ingingo zari zafashwe zisubiramwo uko agafashanyo bahora bahora baronka gatangwa.
Ku munsi w’ejo kuwa mbere, umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi yaragiranye inama n’abigisha ba Kaminuza za Reta, ivyapfunditswe muri iyo nama bikaba vyahaye umwizero abo banyeshure, babona gusaba bagenzi babo ko botangura ivyigwa kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 6 Rusama 2014.

Abo banyeshure basavye ko abigisha ba Kaminuza za Reta bokurikirana ishirwa mu ngiro ry’ivyo bumvikanye n’umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi, umukuru w’igihugu nawe agasabwa gukuraho ingingo ya 24 ivuga ko umunyeshure yayobewe rimwe atosubira guhabwa agafashanyo. Kubera benshi mu banyeshure bava mu ntara za kure, kandi bakaba bafise n’amikoro make, abo banyeshure basavye ko agafashanyo k’ukwezi kwa kane n’ukwa gatanu bogahabwa vuba.

Tubibutse bimwe muvyasabwe n’abigisha ba Kaminuza za Reta mu nama yabahuje n’umushikiranganji w’amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi :

Abigisha bo muri kaminuza za Reta basavye umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kubandanya gutanga agafashanyo no ku banyeshure bahitiye mu kurindira inama rukokoma ikoranya abajejwe ikibazo c’indero izoba mu kwezi kwa Gitugutu. Abo bigisha basaba kandi abarongozi kubandanya basigurira abanyeshure ivyerekeye iyo ngingo ya 24 ivuga ko umunyeshure ayobewe adasubira guhabwa agafashanyo.

Abo bigisha bo muri kaminuza y’Uburundi basaba inzego zibijejwe ko abanyeshure bazoba bitavye akamo boronswa agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Rusama.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.