IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Lycée ya Ngagara batanguye yegereyegere

Abanyeshure ba Lycée ya Ngagara batanguye yegereyegere

lundi 2 Ruheshi 2014

Abanyeshure biga kw’isure ryisumbuye rya Ngagara bari muri yegereyegere, aho biyamiriza imfungurwa barya ziboze zigizwe n’ibiharage hamwe n’umuceri.

Abo banyeshure bari mu mwambaro w’ishure, bakaba kuri uyu wambere igenekerezo rya 2 Ruheshi, banse kuja mw’ishure, mu gihe bagiriza ababarongoye kubagaburira imfungurwa zigizwe n’umuceri n’ibiharage biboze, kandi bakabagaburira imfungurwa zitagira imboga, mu gihe bavuga ko imirima y’ishure ibogaboga imboga ariko ntibamenye iyo zijanwa.

Mwomenya ko umuyobozi w’iryo shure Tharcisse Bendantokira yatanguje ibiganiro hagati y’abo banyeshure n’abandi bajejwe ikibazo c’indero kuri iryo shure kuva igihe c’isaha zitanu z’uyu munsi, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu, ivyirwa bisubire kuba ukuri kwamye. Abo banyeshure kandi, bakaba bamenyesha ko biga nabi, mu gihe bimwe mu birasi n’izindi nyubakwa bitagira amatara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.