IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure batatu bo muri kaminuza y’Uburundi bafunzwe

Abanyeshure batatu bo muri kaminuza y’Uburundi bafunzwe

mercredi 26 Ntwarante 2014

Abanyeshure 3 biga muri kaminuza y’Uburundi barahagaritswe n’igipolisi kuri uyu munsi wa kabiri. Bajanwa gufungwa bagirizwa kuba bariko baburagiza abandi kugira ntibiyandikishe.

Abanyeshure batatu biga muri kaminuza za Reta, mu kigo ca IPA (institut des pédagogies appliquées) nibo bahagaritswe ku munsi wa kabiri bagirizwa kuba bariko baburagiza abanyeshure bashaka kwiyandikisha . Abanyeshure babiri muri abo bahagaritswe bagirizwa kuba bariko baragumura abandi babankira kwiyandikisha .
Uwundi umwe yagirizwa kuba yabonye igipolisi aca ariruka, vyumvikana ku bwabo ko hari ico yiyagiriza. Abasanzwe baserukira abanyeshure mu mashure bariyamirije iyo ngendo y’igipolisi kuko ku bwabo ari umugambi wo kubatera ubwoba ubandanya.

Abo banyeshure rero bafashwe, umwe yitwa Révérien Nitereka yiga mu mwaka wa kane mu vyo bita chimie mu kigo IPA, uwundi yitwa Nkeshimana Télésphore yiga muri IPA nyene mu gisata ca physique na Technologie mu mwaka wa 4. Ariko uwundi yitwa Révérien yiga muri Isco 2 yari yafatanywe n’abo bandi, amakuru atumenyesha ko yoba yaciye arekurwa. Abo babiri bakaba bafungiwe muri komine ya Bwiza.

Tubibutse ko abo bafashwe ku munsi ugira kabiri w’iyandikwa ku banyeshure bari birukanywe mu kiringo c’iminsi 10; bivuye kuri yegereyegere barimwo iyo nayo ikaba yavuye ku ngingo y’umukuru w’igihugu isubiramwo uko agafasahanyo kazohora gatangwa.


KARIRE Floxella

Messages

  • BARIYOBAGIZA UBUZIMA BACIYEMWO.Ni tera bwoba iryo.Ni akamaramaza aho bibaza ko umuti wa ingorane uba ubonetse bafashe abarenganijwe bakabapfunga.Bibabaje ko bibera aho bavuga ngo hari Demokrasi.Ababafashe nibabarekure kuko barityoza munyifato nka iyo.Ko bigira abatumva-batabona ingorane za abanyeshure na abavyeyi babo? UWUKIZE ISEMU YIBAGIRA ICAMWIRUKANA.Bobo kobayamaze uburyobwakoreshejwe baribuka aho bwava? "

  • Abo bagabo bamenye ko harwa urubura rwinshi rukonona imirima cane arko hatse akazuba ntumenya aho ruyongeye.Bategetsi b’igihugu mumenye ko ayo magorwa mudushiramwo mumwanya muto IMANA yobarandura abanyeshure natwe tukabona kwiruhutsa kw’uko kuducura bufuni na buhoro.

  • Hahahaa basha noneko mukangishanya gufunga muzoherezaabarundi mugasho muce mutwara bande ? Erega gufunga sico coba inyishu yibibazo vyateye. Ahubwo mwarikurabaicatumye abo banyeshure bagumuka nayo ivyo muriko murakora sinibazako arinzira irashe mwabagabomwe muraraba neza birakora nukuronderaabansi banyu kandi bidakenewe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.