IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bazoja kwiga hanze ivyirwa bidatangwa mu Burundi (...)

Abanyeshure bazoja kwiga hanze ivyirwa bidatangwa mu Burundi gusa

dimanche 7 Mukakaro 2013

Mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, baherutse gufata ingingo ko kuva ubu atabanyeshure bazohora baja kubandanya inyigisho zabo mu makungu ku vyirwa bisanzwe bitangwa mu gihugu.

Ingorane abanyeshure bari hanze bahura nazo iyo bari kwia hanze sizike kuko agafashanyo gahabwa abo banyeshure kabashikira rimwe na rimwe gatevye, maze bigaheza bigatera ingorane abakagenewe, kuko iyo umunyeshure yaroye kwiga mu makungu, aho ata ncuti n’imwe yasanzeyo atari abanyeshure bagenziwe. Ni ukuvuga ko abo banyeshure kenshi babura uwo batakambira ngo abe arabahaye n’amafaranga na make ngo babe barifashisha.

Muri izo nyigisho abanyeshure baronkera mu makungu, Leta niyo itegerezwa kwitwararika abo banyeshure kiretse amafaranga y’ishure n’itike y’indege yo kugenda n’ukugaruka co kimwe n’amafaranga yo kuriha imizigo mu gihe itarenza ibiro 50.
Inyigisho zisanzwe zitigishwa mu gihugu c’Uburundi muri za kaminuza zitandukanye, nizo abo banyeshure bazohora baja kwiga mu makungu. Ivyo rero bikazotuma ingorane zahora zihura n’abo banyeshure biga mu makungu zigabanuka, aho hari abahora bamara n’amezi nk’ane bataronka agafashanyo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.