IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo kuri ETS Kamenge birukanywe mu kirongo c’indwi (...)

Abanyeshure bo kuri ETS Kamenge birukanywe mu kirongo c’indwi yose

dimanche 2 Ruhuhuma 2014

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye ryigisha imyuga ETS Kamenge (Ecole Technique Secondaire) yirukanye abanyeshure bose bo kuri iryo shure. Ingingo yafashwe na Désiré Manangirakamaro, umuyobozi wa ETS Kamenge ivuga ko abo banyeshure bose bazogaruka kw’ishure ku genekerezo rya 9 Ruhuhuma 2014 baherekejwe n’abavyeyi babo.

Icuka kibi kigizwe n’ukwikekana hamwe n’umutekano muke nico cari kimaze iminsi kirangwa mu bigo vy’ishure ETS Kamenge. Vyatanguye igihe bimenyekanye ko hariho umugambi uriko utegurwa n’umuyobozi w’ishure ETS Kamenge ari kumwe na bamwe mu banyeshure n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD wo kugandagura bamwe mu bigisha bo kuri iryo shure. Ferdinand Manirerekana, umunyeshure yashize ahabona uwo mugambi yamenyesheje ko umunyeshure Jean Claude Nkeshimana batazira komiseri, ari kumwe na bamwe mu bakozi b’igendereza hamwe n’imbonerakure bateguye kugandagura bamwe mu bigisha bo kuri iryo shure, batanguriye ku mwigisha Isaac Yamuremye. Uwo mugambi umaze kumenyekana, abo banyeshure baciye bahagarika ivyigwa ku munsi wa gatanu bihereza amabarabara kugira basabe ko uwo muyobozi yokomborwa, n’uwo munyeshure Jean Claude Nkeshimana batazira komiseri akirukanwa kuri iryo shure.

Ku munsi w’ejo kuwa gatandatu akaba ariho umuyobozi w’ishure ETS Kamenge, Désiré Manangirakamaro yafata ingingo yo kwirukana abanyeshure bose biga kuri iryo shure, bakaba bazogaruka ku genekerezo rya 9 Ruhuhuma 2014 bari kumwe n’abavyeyi babo.


Egide Nduwimana

Messages

  • None abo banyeshure kuki badashaka kwubaha abategetsi babarongoye?jewe barantangaza!!naho bogira gute nta munyeshure atsinda umwigisha ikitavuzwe co n’umuyobozi.

  • SADAMU yarihenze cane.Ubutungane buzotinda busubire kumurongo. mbega kwitwa komiseri uri umunyeshure nkabandi bisigur’iki? hari imanza ajejwe guca??
    manangirakamaro uricara wiyumvire iryo zina ico risigura hama urigendere!!
    ETS wigisha imyuga myinshi kweri!!!! Isaac na Thérence izer’Imana. Marc n’uburozi warabukize rema.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.