IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi basabwe kubangira guhagarika (...)

Abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi basabwe kubangira guhagarika ivyigwa

samedi 9 Myandagaro 2014

Abanyeshure bo mu kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi baragabishije ko bazohagarika ivyrwa kuri uwu wa mbere, bagiriza ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi ko bwahagaritse kubarungika kunonosora ivyigwa hanze. Mu buyobozi bwa kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko habaye ikibazo c’uburyo.

Mu rwandiko basohoye mu ntango z’iyi ndwi twarangije, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, mu gisata c’ubuvuzi bari batanze iminsi itanu, kugira ikibazo bafise kibe catorewe umuti, atari uko naho bakamenyesha ko bazoca bahagarika ivyigwa. Nk’uko vyashikirijwe na Pacifique NJEJIMANA, umwe muri abo banyeshure 38, bagiriza ubuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi ko bwahagaritse kurungika abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi hanze, kunonosora ivyigwa, bakavuga ko imyaka ibiri yose iheze batarungikwa, kandi babifitiye uburenganzira. Urwo rwandiko basohoye rwo kugabisha rwavuga ko badahawe inyishu mu minsi itanu, bazoca bahagarika ivyigwa, bakagiriza kandi umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi ko yabimye n’umwanya kugira bamuture ikibazo bafise.

JPEG - 113.8 ko
Gaston Hakiza, umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi

Mu buyobozi bwa kaminuza y’Uburundi basaba abo banyeshure kwihangana kubera ikibazo cabo gikenera uburyo, ubwo nabwo bukaba buriko buraronderwa. Gaston HAKIZA, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi asigura ko atigeze yima umwanya abo banyeshure, ahubwo akamenyesha ko ikibazo cabo kizwi, uburyo bukenewe bukaba buriko buraronderwa. Gaston HAKIZA yizeza abo banyeshure ko mu buyobozi bwa kaminuza bariko barakora ibishoboka vyose, kugira ico kibazo gitorerwe inyishu. Mu kurindira ibizoboneka, Gaston HAKIZA ahamagarira abo banyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi ko bobangira guhagarika ivyigwa kuri uwu wa mbere.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.