IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi basubiriye kwibutsa ikibazo (...)

Abanyeshure bo mu gisata c’ubuvuzi basubiriye kwibutsa ikibazo cabo

mardi 31 Ntwarante 2015, par IGIHE

Abanyeshure biga mu gisata c’ubuvuzi basaba ko bohabwa uburenganzira bwo kuja kubandaniriza ivyigwa vyabo mu makungu hamwe no kuronswa agafashanyo ku banyeshure biga mu mwaka wa kabiri, nk’uko bavyemererwa n’amategeko.

Kuri uno wa mbere, abo banyeshure bari bazindutse bugariza ibiro vy’umuyobozi bwa kaminuza y’Uburundi. Inyuma y’umubonano bagiranye, bavuga ko badatahura ingene basubira kubasaba amadosiye yabo, umwe wese ku giti ciwe, kandi batari bashasha muri iyo kaminuza. Abo banyeshure bafise impungenge ko hashobora kuba hagiyemwo izindi ntumbero za poritike, intara, ubwoko n’ibindi, nk’uko muganga Pacifique Njejimana, asanzwe aserukira abo banyeshure abimenyesha.
Abo banyeshure basaba ko ivyo gutanga uburenganzira bwo kuja kwiga mu makungu vyoba mu muco ntangere nk’uko vyamye bigenda kuva kera.

Abo banyeshure bamenyesha kandi ko bagiye kubandanya imyiyerekano kugira bashobore kugondoza umushikiranganji wa kaminuza gufata ingingo ibereye. Bakaba bazokora iyo myiyerekano umunsi umwe ku ndwi, mbere bibaye ngombwa bavuga ko bazokwitwara mu butungane kuko harimwo agatotezo, nk’uko babishikiriza.

Tubibutse ko haheze imyaka ibiri yose ikibazo c’abo banyeshure kitaratorerwa umuti. Basaba ko bohabwa uburenganzira bwo kuja kubandaniriza ivyigwa vyabo mu makungu hamwe no kuronswa agafashanyo ku banyeshure biga mu mwaka wa kabiri, nk’uko bavyemererwa n’amategeko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.