IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta basaba intererano y’umurwi (...)

Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta basaba intererano y’umurwi CNIDH

lundi 31 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta basaba umurwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH kugira ico ufashije mu ngorane zimaze iminsi muma kaminuza ya Reta.

Abanyeshure bo muma kaminuza ya Reta basohoye itangazo bandikira umukuru wa CNIDH bamusaba kugira ico afashijhe mu ngorane zimaze iminsi muma kaminuza ya Reta. Mu rwandiko rwateweko igikumu n’abanyeshure 229 baserukira abandi bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS, abo banyeshure bagarutse ku nkomoko y’ibibazo bafise. Ayo nayo ni itegeko ry’umukuru w’igihugu hamwe n’itegeko ry’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, yose asubiramwo uko agafashanyo kagiye gutangwa n’ingene abavuye mu mashure yisumbuye bazinjira muri za kaminuza. Abo banyeshure bagarutse kandi no ku kibazo ca bagenzi babo bafunzwe, hamwe na bamwe batanu birukanywe mu kiringo c’imyaka ibiri.

JPEG - 673.8 ko
Mu bigo vya kamunuza nta banyeshure baharangwa

Abo banyeshure basaba rero umukuru w’uwo murwi gufasha kugira abanyeshure baserukira abandi mu mashure (délegués) basa n’abanyurujwe (kuko bafunzwe ata mitahe isohowe) ko borekurwa, kandi ko umukuru w’umurwi CNIDH yohanura umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza agusubiramwo canke agafuta ingingo yo kuwa 13 Ntwarante 2014. Basaba umukuru wa CNIDH kandi guhamagarira umushikiranganji gufata inzira y’ibiganiro, aho gukoresha inguvu n’iterabwoba.
Abo banyeshure barangiza basaba umukuru wa CNIDH kubashigikira, hamwe n’ukubaba hafi.

Naho rero umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yari yongereje ikiringo c’ukwiyandikisha, akamo no kuri uno wa mbere ntikitabwe.
Hagati y’aho, intonde z’ivyigwa zo muri ino ndwi zamaze kumanikwa, ariko mu bigo vya kaminuza nta n’inyoni iharangwa.
Ikinyamakuru IGIHE caciye mu bigo bitandukanye vy’ayo ma kaminuza. Ku kigo nderabigisha ENS twasanze abariko barandika, ariko bakaba banse gutanga ibitigiri vy’abamaze kwiyandikisha.

JPEG - 1.2 Mo
Urutonde rw’ivyigwa rwamaze gusohoka n’aho abanyeshure batariko bariyandikisha

Mu kigo ca Rohero naho nyene abariko barandika batumenyesheje ko ibitigiri vyabiyandikishije baza kubitangaza ku muhingamo wo kuri uno wa mbere, ariko rero amakuru ava mu banyeshure baserukira abandi amenyesha ko hoba hari umukenyuro umwe wo kuza gutangaza ibitigiri bitari vyo biciye ku nsamirizi za Reta, kugira abandi banyeshure bari mu mihana iwabo bace bumva ko bagenzi babo bitavye akamo ari benshi, gutyo nabo bace baza. Ayo ni amakuru tubandanya kubatohoreza.

JPEG - 449.9 ko
Abandika abanyeshure nta kazi bari bafise

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.